IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Kayanza : Amasoko y’ibitungwa yo muri komine Muhanga na Rango (...)

Kayanza : Amasoko y’ibitungwa yo muri komine Muhanga na Rango yugawe

mardi 13 mars 2018

Nkuko biri mw’itegeko rya buramatari w’intara ya Kayanza, ryashizweko umukono kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018,amasoko yahagaritswe, ni isoko yo muri komine Muhanga n’isoko yo muri komine Rango, mu ntara ya Kayanza.

Muri iryo tegeko, buramatari w’intara ya Kayanza Anicet NDAYIZEYE amenyesha ko ata gitungwa gito cemerewe kwiyerereza, ko kubigaburirira mu mpongore ari itegeko, kandi ko ata gitungwa kizova muri komine Muhanga na Rango kija mu yandi makomine.

Buramatari w’intara ya Kayanza amenyesha kandi ko amabagiro yo ku mitumba yo mu makomine ya Muhanga na Rango yugawe, kandi ko kizira gufungura inyama z’ibitungwa vyiketswe ko birwaye indwara y’akaranda, ahubwo ari uguca bihambwa.

Buramatari Anicet NDAYIZEYE agsaba abajejwe intwaro mu makomine n’umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Kayanza, gufasha mw’ihirwa mu ngiro ry’izo ngingo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.