IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Musitanteri wa komine Mukike yatanze imihoho

Musitanteri wa komine Mukike yatanze imihoho

mardi 12 Nyakanga 2017

Mw’ikete yanditse kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017, NGENDAKUMANA Jeremie yahora arongoye komine Mukike amenyesha ko atanze imihoho ku mvo ziwe bwite.

NGENDAKUMANA Jeremie yanditse muri iryo kete ko kubera izo mvo nyene asanze atagishoboye kurangura neza amabanga ya komine yahora aramutswa.

Ivy’uko atanze imihoho mu kurongora komine Mukike, Jeremie NGENDAKUMANA yabimenyeshaje kandi umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umuyobozi ajejwe intwaro mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Buramatari w’intara ya Bujumbura, umukuru w’umurwi utegura amatora CENI, umukuru w’umurwi utegura amatora mu ntara (CEPI), umukuru n’icegera c’uwurongoye inama mpanuzwajambo ya Komine.

Amakuru ava mu banyeporitike bamwe bamwe amenyesha ko Jeremie NGENDAKUMANA yoba yabigize nko kwitanga, kuko yari afise amakuru ko ashobora kwirukanwa muri ayo mabanga.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.