IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED ntishigikiye ivyasabwe na Ismael Chergui

CNARED ntishigikiye ivyasabwe na Ismael Chergui

lundi 11 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu runani CNARED bemeza ko ivyashikirijwe muri ico cegeranyo ca ONU ari ukuri, kuko nk’uko bivugwa na CNARED, kuva muri Ndamukiza 2015, abantu 2500 nibo bishwe, abagera ku bice bitanu kw’ijana vy’Abarundi barahunga, abarenga igihumbi baburirwa irengero, hamwe n’abarenga ibihumbi umunani bapfunzwe.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe na CNARED, muri urwo runani bariyamiriza ivyasabwe na Ismael Chergui, umukuru w’umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, aho yashikirije ko iryo shirahamwe ridashigikiye ko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye irengutsa mu butungane abategetsi ba Reta y’Uburundi bagirizwa ivyaha bitandukanye.

JPEG - 57.3 ko
Charles NDITIJE, umukuru wa CNARED

CNARED iriyamiriza agacerere muri urwo runani bavuga ko karanze ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ku ndyane za poritike ziri mu Burundi kuva mu mwaka w’2015. Mw’itangazo rya CNARED bavuga ko bitumvikana ingene ubumwe bwa Afrika bwoshikiriza ivyo mu gihe iyo Sentare ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu ataco yigeze ishikiriza mu myaka ibiri iheze ibiziga bidasiba gutorwa, mu nzuzi n’ahandi.

Muri iryo tangazo, CNARED isaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye ko yokwihutira gutanguza amatohoza, kugira abagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bwakozwe mu Burundi bashengezwe mu butungane mpanavyaha mpuzamakungu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.