IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD :"Ukwo ni ugushaka kubandanya umugambi w’ugutembagaza (...)

CNDD FDD :"Ukwo ni ugushaka kubandanya umugambi w’ugutembagaza ubutegetsi"

jeudi 16 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko wakiriye neza itunganwa ry’ibiganiro vyatanguye i Arusha muri Tanzaniya kuva kuri uwu wa kane, ariko muri uwo mugambwe bakavuga ko bababajwe n’utunenge twibonekeje mu mwiteguro y’ivyo biganiro, cane cane mu ntonde z’abatumiwe.

Muri utwo tunenge umugambwe CNDD FDD uvuga, ni abatumiwe bagirizwa ubugizi bwa nabi bwabaye mu Burundi, bakavuga ko ukwo ari ugusasira indava ukudahana ivyaha, ivyo muri uwo mugambwe bemeza ko badashobora gushigikira.

Itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa kane rivuga kandi ko biyamirije itumirwa ry’abantu bavuga ko baserukira imigambwe itemewe n’amategeko mu Burundi. Kuri ivyo, umugambwe uri ku butegetsi umenyesha ko ari iyindi nzira yo kubandanya hamwe n’ugushira mu ngiro umugambi w’ugutembagaza ubutegetsi wo mu kwezi kwa Rusama umwaka w’2015, kuko muri ivyo biganiro hahawe ijambo "abagirizwa ukwo gushaka gutembagaza ubutegetsi."

Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu ko yokwubahiriza ubwigenge bw’Abarundi, hamwe n’inzego zashizweho n’abanyagihugu ubwabo.

Amakungu asabwa kandi gufasha kurwanya ukudahana ivyaha, kugira ubugizi bwa nabi buhagarare.


IGIHE

Messages

  • Haa ngingo z’inama ya ONU ijejwe imutekano niyo yabujije resta kuja mubiganiro?yemwe biragoye kuko hari n’izindi ngingo iyo nama nyene ya ONU ijejwe umutekano yafashe kuburundi hanyuma bamwe mubarundi na cane cane abegereye ubutegetsi baraziyamiriza,umuntu aca yumva ko ari icitwazo

  • Ahaaaaa, mwebwe aba CNDD FDD mwatanguye kwica abenigihugu guhera mutarashika kubutegetsi, mwarishe abatama nabatamakazi mubagiriza ngonabaruzi bamwe mwabahamba , aribo babanje kwiyimbirikinogo bahambamwo, mukanabahamba babona, mbe komucidegevya? cakabiri, nibeshi abanyagihugu mwishe mubahora ngo nivyitso, burya mwebwe murabere?, ingeso yogushahura abantu amagara mwayitanguye kuvakera, mfise abantu babagenzi mwebwe ubwanyu mwashahuye amagara muntara ya makamba, komine nyaza-lac mukiri mwishamba, mbe ko mwakaribishijwe kumeza yibiganiro kandi mwakoze amabi atagirukwangana! ntibagiye gufata abagore nabigeme kunguvu!?,hari na bamwe mwabica mubagiriza ngo ntibabatereye, muguribirwanisho nibindi nibindi. Kubwivyo abuvuga yuko baronderwa nubutungane bwogaha muburundi, ntakibi nakimwe bakoreye uburundi ,kiretse gukingira amategeko yuburundi, nokurwanya akarenganyo kamuka muri CNDD FDD.Unomusi abantu baharurwa mubihumbi nibihumbi bamaze kugandagurwa numuhari wimbonerakure ubegukira, komutarashengezwa?, ubwo bunenge uvuga ntaburiho ahubwo ubunenge buri kurimwebwe mwahemukiyigihugu.

  • Aba DD vyabayobeye nuwo bari bizeye Mzeee Mkapa yabavumbuye,fatou bensouda agire vuba afate ivyo binywamaraso bahereye kuri Peter,CNARED bandanyiriza ngaho,fimbo chapa

  • Nibatumbire ko kudeta zemewe bifuboke neza kandi bavuge ngo’ kudeta ziremewe canke bavuge bati’ kudeta ntizemewe bavugemumajambo make urubanza rucaruhera ningoga.

  • None Havuze Abitavye Abandi Bazoshikigwa Bikenewe

  • Botembagaza gute ubutegetsi busabzwe atawurabonana? Murihaye ibara!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.