IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Croix Rouge Burundi igiye gutanga inyigisho z’ubutabazi bwa mbere gushika mu (...)

Croix Rouge Burundi igiye gutanga inyigisho z’ubutabazi bwa mbere gushika mu ngo

samedi 16 Nyakanga 2017

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi Anselme KATIYUNGURUZA, yamenyesheje ko mu bikorwa ngenderwako bagiye kwisunga muri Croix Rouge, harimwo kumenyekanisha ibikorwa bikiza abahuye n’ibibazo.

Umunyamabanga mukuru wa Croix Rouge mu Burundi Anselme KATIYUNGURUZA yavuze ko ari akaryo keza ko kwisuzuma kugira barabe kandi bamenye aho bagejeje gukora no gufasha mu bijanye no gutanga ubutabazi bwa mbere.

JPEG - 85 ko
Anselme KATIYUNGURUZA,Umunyamabanga mukuru wa Croix Rouge mu Burundi

Anselme KATIYUNGURUZA yavuze ko igikorwa co gutanga ubutabazi bwa mbere, ari igikorwa kiraba inzego zose uhereye ku butegetsi, abaporisi n’abandi, ari naco gituma umuryango utabara imbabare Croix Rouge washize umukono ku masezerano yo gukorana na Reta.

Anselme KATIYUNGURUZA yavuze ati :

’’Hirya y’ingo n’imiryango turavuga mu butegetsi, ishirahamwe ryose ryari rikwiye umurwi ujejwe gukurikirana ubutabazi bwa mbere.’’ Yongeye ati: ’’Ntivyari bikwiye ko abantu batwara imodoka batwara abantu barenga 30 batazi ubuhinga bwo gutanga ubutabazi bwa mbere, kandi ubuzima bw’umuntu ari katihabwa.’’

Umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Croix Rouge amenyesha ko Uburundi butari bukwiye gusigara inyuma mu bindi bihugu mu bijanye no gutanga ubutabazi bwa mbere, mu gihe ari nkenerwa mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu.

Ku ruhande rw’igiporisi kijejwe gukinga impanuka,umuyobozi waco yavuze ko umunsi nk’uwu ari akaryo ko kwigisha n guhimiriza ku bijanye n’ubutabazi bwa mbere.

Yavuze ariko ko mu Burundi hari igisata kigifise ingorane zijanye n’uburyo hamwe n’abakozi babishoboye gutanga ubutabazi bwa mbere, ico naco akaba ari igisata kijejwe uruja n’uruza mu mazi.

Mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi,umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi watanze impapuro zemeza ko bakurikiranye inyigisho mu bijanye no gutanga ubutabazi bwa mbere ku bantu 18 bavuye mu bisata bitandukanye.

JPEG - 98.3 ko
Uwakurikiranye inyigish yakira urupapuro ruvyemeza

Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubutabazi bwa mbere wahimbajwe ku civugo: Impanuka zo mu ngo(Accidents domestiques).

JPEG - 106.5 ko
Uwakurikiranye inyigisho yerekana ivyo yize
JPEG - 104.4 ko
Ifoto y’umuryango

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.