IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Domisiyano NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi yagabishijwe n’Imbonerakure za (...)

Domisiyano NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi yagabishijwe n’Imbonerakure za CNDD FDD

lundi 24 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu myiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabaye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, Sylvestre NDAYIZEYE arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD FDD, harimwo n’Imbonerakure, mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo myiyerekano, yamenyesheje ko impanuro uwahoze arongoye Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE aheruka guha Imbonerakure za CNDD FDD zari zivanze n’ibitutsi.

"Haheze iminsi igera kuri itatu atanze impanuro zari nziza, ariko azivanga n’ibitutsi. Kutwita ko turi abahekabwenge nibaza ko yihenze kandi kwihenda bibaho."

Dimisiyano NDAYIZEYE yagirijwe n’uwo mugambwe ko yashatse kwifadikanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, mu gushinga urunani RANAC rwari rushize hamwe na CNARED.

Sylvestre NDAYIZEYE yavuze ati : "Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababirigi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe."

JPEG - 60.5 ko
Domisiyano NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi

Muri iryo jambo, Sylvestre NDAYIZEYE yabandanije agira ati : "Uwo wese kuva kubo yashigikiye bagomvye gusambura igihugu, ubu bagihunze bakaba bariko baragaburirwa muri "Biberon" na KAGAME. Bakagaburirwa muri "Biberon" atari abana, bafise ubwanwa, ntabwo bicaye. Bakihenda bakavyonga imbibe z’igihugu cacu tuzobakorerako. Twararurwanye n’ubu tukiriko. N’ubu turacari ku kivi kandi ntikiraduga. Uwibaza ko umuntu ava amaraso tuzomutinya arihenda cane."

JPEG - 106 ko
Imyiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabereye i Bujumbura kuri uwu wa gatandatu

Ku mpanuro uwo yahoze arongoye Uburundi yari yahaye Imbonerakure za CNDD FDD, uwuziserukira Sylvestre NDAYIZEYE yamubwiye ko ata cirwa afise atanga ku Mbonerakure, kuko nta mwana wiwe ariyo, atawigeze kubayo, kandi ntakahabe, nk’uko vyavuzwe n’iyo ndongozi y’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

"Arakebura abiwe yavyaranye na ODA ariko abasigaye abareke kuko nta mwana wiwe ari ngaha mu Burundi. Amenye ko ari Sogokuru, ariko ububegito bwiwe adashobora kuburaga Imbonerakure."

Sylvestre NDAYIZEYE yasavye urwaruka rwa CNDD FDD ko rwohagarara neza, kugira rwame ku ngoma ubuziraherezo.

Mu mpanuro Domisiyano NDAYIZEYE yaheruka gutanga, yari yasavye ko abanyeporitike borinda urwaruka imvugo zimwe zimwe, kuko ruca rutwarwa n’ishavu mu bikorwa vyarwo. Aho yari mu gihe abo mu mugambwe CNDD FDD bari mu myirekano yari yabereye i Muramvya, haheze indwi imwe, bari bavuze ko Urwanda rwobandanya guhungabanya umutekano w’Uburundi, imyiyerekano yindi y’Imbonerakure ishobora kubera i Kigali.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ibisazi biragwira, ngo imbonerakure gukorera imyigaragambyo i Kigali? Yewe inzozi zigira nabi kweli, uretse na Kigali ni mugera ku Akanyaru inzogegera ziri mu muhanda ntanimwe yasubira Bujumbura. Twebwe ntabwo turarwana intambara y’amagambo. Turwana iya masasu kandi tukayitsinda bidasubirwaho. Muzabaze Zimbabwe , Congo ya Kabira na Angola imyaka 20 irashize ubu imbaraga twazikubye incuro zitabarika. Turi tayari muzaze mukore iyo myigaragambyo.

  • Mwiriwe!ariko izi Mbonerakure zinywa urumogi rungana iki k’umunsi?Kigali zivuga zirahitiranya nuyu mucafu w’i Buja,u Rwanda ni puissance muri Afrique,n’amakungu arabizi,raba ingene ukwiyamamaza kwabo kugenda neza mu mahoro ntangere,n’amatora azoba mu mahoro,twebwe Abarundi turyane entre nous n’ububegito bwacu,u Rwanda rwaradusize kure,ntanico rwovugana n’u Burundi

  • emwe uwuramvye azobona nukuri kuzima;

  • Uwutaranigwa agaramye yibaza ko ijuru riri hafi.Turabazi i congo turabazi no mu BURUNDI.Kandi ntawutsinda intambara ishojwe kugituma c,ugushaka gusa gukandamiza abantu.Uwiyise nzomvu n,uko mbona ivyiyumyiro vyiwe nyene biboneka ko atazi amatekaBa Hitler ba Idi Amin bari bafise ibirwanisho bingana bite Iwanyu muvuga ko utazi ubwenge ashima ubwe.Ntimukaje murata ibigwanisho imbere y,abarakare

  • @Kararuza
    Sha ni waba wibaza ko urwanda rugisangira amazi ku rugomero n’inka rworora rwasize abandi warahumye. Erega mwarawuciye ko uwutagira ubwenge ashima ubwe.

  • Ewe Mukama wanje!!!Imbones ziti tuzokwigaraganvya iKigali nibihenda "bakavyonda "imbibe z’iGihugu cacu???? Umwana yuriye nyina. Nibakange abanyagihugu mu Nyakabiga, apana kufyura ubuzuru ku Rwanda. Gasopo. Hari umurongo ntarengwa. Ngirango zarabibwiwe.

  • Nyumvira namwe iyi mvugo yuyu muntu ngo aserukira imbonerakure, atubaha n’uwahoze ari umukuru w’igihugu! kandi ubwo aba yumva yabaye igihangange, sha niba uzi ubwenge vuga make utuze, ibihe biha ibindi, hari abakurenze cane, bakuruta bazize akarimi kabo!

  • Abarundi mukwiriye kuva mu matiku no gushakira ibibazo ku Rwanda kuko nimushaka ibibazo nyine nibyo muzabona ariko nimushaka n’ibisubizo nibyo muzabona. Mwibuke ko muzasarura ibyo muzabiba!!!

  • Hahahahahah
    Nimubeshye abo ba nyarucari banyu ubundi mwinumire! Naho ubundi iyo muza kuba abagabo ntimwari kuba mukiri aho mumoka ngo Rwanda Rwanda!
    Twe ntaho duhuriye namwe we! Niba mugira ngo ndabeshya, muzakinishe gushotora u Rwanda (wenda munakore nk’ibyo mururega) maze murebe icyo bita difference.

  • muve kumbwa ngo nabarundi ingegera zishwe ninzara nama vunja ntizigira nurwo kwishima ngo zizigaragambya mpaka i kigali, zizzaaca hehe c babanguke tuzisibe matope gusa.

  • iyombonerakure,ntiruta’adorofe’ahoreronukugira’nkurunziza’amukunde’arihenda’navugemake’arekekwiyumvira’abihungiye’bacaumuganimukirundi’ati’ubwatobwitangijebukiraumuyagakandiuruciramukasorugahitananyoko

  • Andika hano ariko namwe muratangaj non kigali niki?bamwe mwarungika mu cibitoke ko baNyagiwe ntibari bavuye mu rwanda?bamwe batera amakambi hasubiye inyuma bangahe?non muruta iraq cank iran? hora rero!

  • Andika hano ariko namwe muratangaj non kigali niki?bamwe mwarungika mu cibitoke ko baNyagiwe ntibari bavuye mu rwanda?bamwe batera amakambi hasubiye inyuma bangahe?non muruta iraq cank iran? hora rero!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.