IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Evariste NDAYISHIMIYE agereranya inguvu z’urunani rw’abigenga n’ihuriro (...)

Evariste NDAYISHIMIYE agereranya inguvu z’urunani rw’abigenga n’ihuriro ry’abari mw’isoko

mercredi 20 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD, abigenga bahuriye hamwe bakagira urunani ntibaba baciswe abigenga.

Uwo aramutswa umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD avuga ko urunani rw’abigenga AMIZERO y’Abarundi rwagiyeho hadakurikijwe amategeko, abarutanguje akavuga ko binyegeje inyuma y’andyane za poritike zari mu 2015. Evariste NDAYISHMIYE afise ikibazo c’ukumenya uwuramutswa urwo runani imbere y’amategeko.

"None uno munsi tuvuganye ukuri, ni nde Reta ibaza urunani rw’abigenga bo mu mizero? Uno munsi imbere y’amategeko, ni nde Reta yobaza ivy’urwo runani? Ntawuhari."

JPEG - 97.8 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE ahamagarira abagize urwo runani gutanguza umugambwe wabo, akabemerera ko mu gihe bogira intambamyi bomwitura.

"Ahubwo rero ndabahanure, ko bashaka gutsimbataza demokarasi, ni kuki batoja hamwe bagatanguza umugambwe."

Urunani rw’Abigenga AMIZERO y’Abarundi rwatahukanye ikibanza ca kabiri mu matora yo mu mwaka w’2015. Urwo runani rukaba rufatwa nk’inguvu za kabiri za poritike mu Burundi, inyuma y’umugambwe CNDD FDD watsinze amatora yo mu 2015. Evariste NDAYISHIMIYE siko abibona. Ku bwiwe, izo nguvu zishobora kuba ari iz’akajagari, akazigeranya n’inguvu z’abari mw’isoko.

"Mw’isoko ni inguvu zigira kangahe? Isoko ni ihuriro ry’abigenga. Urabona ingene bangana? None zirya ni inguvu? Nitube turaba ibintu, kimwe cose tugihe agaciro kaco. Jewe ndemera umuntu avuga ati ngira ntanguze umugambwe, jewe mfise ivyiyumviro vya poritike kandi bitegerezwa kugira inguvu mu gihugu. Kuvuga ko abigenga bari mu nama nshingamateka ari inguvu zikomeye? Jewe niyumvira ko uzohava usanga arizo bita inguvu z’akajagari, kuko no mw’isoko nico gituma haba abaporisi hakaba n’abajejwe isoko. Kuko barya bantu vyogora ingene ubagenza mu ntwaro yabo. Kuko isoko ni ihuriro ry’abigenga."

Tubamenyeshe ko mu nteguro y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rigiye guhinyanyurwa, Ingingo ya 86 ariyo ivuga ingene Ibwirizwa riratomora uko uwitoza ku giti ciwe arangura amabanga ya poritike n’ingene ayarangiza.

Iyo ngingo ivuga ko abitoza ku giti cabo badashobora kuja mu runani. Iyo ngingo ivuga iti : "Uko biri kwose, abitoza ku giti cabo ntibarekuriwe kugira
inani."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.