IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HCR yasabwe gukurikiranira hafi ikibazo c’impunzi z’Abarundi mu (...)

HCR yasabwe gukurikiranira hafi ikibazo c’impunzi z’Abarundi mu karere

lundi 25 Nyakanga 2017

Izo ntumwa zari zigizwe na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, Carine Kaneza yaserukiye ishirahamwe Barundikazi Mffps n’umushingwamanza Lambert Nigarura yaserukiye ishirahamwe CB-CPI.

JPEG - 38.2 ko
Pacifique Nininahazwe (i buryo), Carine Kaneza (i bubamfu) hamwe n’umushingwamanza Lambert Nigarura (i buryo)

Muri urwo rugendo ahakorera ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, abaserukiye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basavye amatohoza ataho ahengamiye ku bwicanyi bwabereye i Kamanyola mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, buhitana impunzi z’abarundi zirenga 30 n’abarenga ijana bakomeretse.

Abaserukiye ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basaba ishirahamwe HCR ko impunzi zishaka guhunguka vy’ukuri arizo zokworoherezwa abatabishaka nabo bagakingirwa bikwiye. Aho ni mu gihe abo baserukiye ayo mashirahamwe bamenyesha ko hari abatahanwa ku nguvu, kandi hari bamwe mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi binjiye mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya kugira abe aribo basaba gutahukwanwa.

Abo baserukiye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike baragarutse kandi ku bukene bw’ibifungurwa bwibonekeza mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya, hamwe n’amakenga ku mutekano w’abahoze mu gisirikare c’Uburundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu.

Abaserukiye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike baragarutse kandi ku kibazo co gufata ingendo ku mpunzi, aho zitoroherezwa mu kuronswa impapuro zibafasha gutembera.

Ku makenga yose yashikirijwe n’abaserukiye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ishirahamwe HCR ryamenyesheje ko ririko rirakora kugira impunzi z’abarundi zitunganirizwe mu buzima bwa minsi yose.

Ku bibazo bisabwa ko abajejwe intwaro mu gihugu impunzi z’abarundi zirimwo bagira ico babivuzeko, ishirahamwe HCR ryemeye ko rigiye kuvugana n’abaserukira ivyo bihugu kugira batorere inyishu ivyo bibazo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.