IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HWPL:’’ Amahoro ni gikorwa c’umuntu wese’’

HWPL:’’ Amahoro ni gikorwa c’umuntu wese’’

jeudi 16 Ntwarante 2017

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gutsimbataza amahoro Heavenly Culture, paix mondiale, la restauration de la Lumière (HWPL), Man Hee Lee amenyesha ko amahoro atari igikorwa c’umuntu umwe ariko ari ic’abantu bose.

Mu gihe ishirahamwe (HWPL) ryahimbaza umwaka umwe uheze rishinzwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017, Man Hee Lee yamenyesheje ko idini naryo rifise uruhara rukomeye mu gutsimbataza amahoro.

Ashikiriza icegeranyo,umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe HWPL Dong Min Im yavuze ko igikorwa c’ishirahamwe HWPL ari ico guhagarika intambara kw’isi kugira isi igire amahoro yamaho.

Dong Min Im yasiguriye kandi abitavye ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Seoul mu gihugu ca Koreya y’Epfo akamaro k’imigambi y’amahoro, aca amenyeshako umuntu wese akwiye gutanga ubutumwa bw’amahoro.

Ku ruhande rwa Bup Hye Kim arongoye umurwi ujejwe gushirahamwe mu gihugu,urwaruka n’abakenyezi aribo batumwa ba mbere bo gukwiragiza ubutumwa bw’amahoro mu gihe c’intambara.

Ishirahamwe Heavenly Culture, paix mondiale, la restauration de la Lumière (HWPL) ryatanguye gukora kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante ,umwaka wa 2016.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.