Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Ibiganiro bibera i Arusha bisa n’ivyaheze’’-Keffa NIBIZI
 ’’Ibiganiro bibera i Arusha bisa n’ivyaheze’’-Keffa NIBIZI
 ’’Ibiganiro bibera i Arusha bisa n’ivyaheze’’-Keffa NIBIZI
				
				lundi 11 décembre 2017
Mw’itangazo umukuru w’umugambwe Keffa NIBIZI yashize ahabona, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Kigarama 2017, avuga ko abaserukiye Urunani Amizero y’Abarundi n’umugambwe Frodebu aribo babaye intambamyi yo gushira umukono ku rupapuro rw’inzira kuko banse kwicarana n’abandi.
Keffa NIBIZI avuga ariko ko bashima intambwe ibiganiro bigezeko, kuko ku ncuro ya mbere,umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yarashoboye gushira ahabona ivyo abanyeporitike bahurizako n’ivyo badahurizako.
Kubwa Keffa NIBIZI, ibiganiro bibera i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya bisa n’ivyarangiye kuko mu bibazo 11 vyariko biganirwako, bibiri vyonyene arivyo bisa naho batabihurizako.
Keffa NIBIZI arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya NDADAYE arangiza ashimira umufasha w’umuhuza yakoresheje ijambo ikiyago (Dialogue) aho gukoresha ijambo ibiganiro (negociation), akaba kandi yasavye abitavye ibiganiro kutisunga umwaka wa 2015, ariko bagashimikira hanini ku matora yo mu mwaka wa 2020.
MUGISHA Van Naris
