IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyatunganije ikiganiro inyuma y’inama y’i (...)

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyatunganije ikiganiro inyuma y’inama y’i Geneve

jeudi 22 Ruheshi 2017

Ico kiganiro co guhanahana ivyiyumviro catunganijwe mu ntumbero yo kwihweza uko inama yabereye i Geneve yagenze, aho umurwi ujejwe amatohoza mu Burundi washikirije icegeranyo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ico kiganiro kizobera mu nyubakwa za Hotel Best Outlook Hotel, kuva igihe c’isaha icenda gushika isaha icumi n’imwe z’umugoroba.

Mu kiganiro giheruka cabaye kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017 imbere y’uko icegeranyo gishikirizwa, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Ambassadeur Willy NYAMITWE ari kumwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA bari bavuze ko igihugu c’Uburundi ata ciza citeze kizova muri iyo nama y’i Geneve.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.