IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Icegeranyo ca mbere cerekana ibikorwa vy’amahinguriro mu Burundi cagiye (...)

Icegeranyo ca mbere cerekana ibikorwa vy’amahinguriro mu Burundi cagiye ahabona

vendredi 19 janvier 2018

Ashikiriza ku mugaragaro icegeranyo cerekana ibikorwa vy’amahinguriro mu Burundi,kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018, Samson NDAYIZEYE, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji , amahinguriro n’ingenzi yamenyesheje ko iterambere rirama reyemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka wa 2015, rishingiye k’ukwubaka inyubakwa zikomeye rifasha mu gutanguza ubuhinga bushasha.

Samson NDAYIZEYE yavuze ko ico cegeranyo kizofasha abafata ingingo mu bice bitandukanye vya poritike y’amahinguriro, mu kubitanguza, kubishira mu ngiro no kubikurikirana, ariko kandi kizoteza imbere igisata c’amahinguriro mu Burundi.

Umunyabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji yavuze ko, kuba ari icegeranyo gisohotse, kirimwo amakuru atari make akenewe mu guteza imbere igisata c’amahinguriro, afasha kandi mu gukangurira guteza imbere ico gisata mu Burundi.

Umugenduzi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe iterambere ry’amahinguriro ONUDI Andrea Antonelli, yashimiye Uburundi, kuba ari igihugu ca mbere co mu karere ka Afrika y’Ubuseruko gisohoye icegeranyo muri ico gisata.

Ico cegeranyo catunganijwe mu kiringo c’amezi icenda,harimwo ubushakashatsi bw’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe mu Burundi API.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.