IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Igikorwa c’inama nshingamateka cahagaritswe n’umushingamateka ayoboka RWASA (...)

Igikorwa c’inama nshingamateka cahagaritswe n’umushingamateka ayoboka RWASA yakubiswe

samedi 14 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Intango ya vyose, ni imishamirano yabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ku rugo rw’uwitwa Felicien NIMBONA, umunyagihugu w’aho mu Kizingwe, zone Ruziba avuga ko yakubiswe n’abasore bane yita Imbonerakure za CNDD FDD zamusanze ku rugo iwe.

"Muma saha indwi baje ku rugo iwanje, ndababaza muri bande? Imipanga ku madirisha aho nyene. Jewe n’umugore wanje twarakubiswe, turakoma induru turabura abaza gutabara. Gushika mu gatondo, umugore wanje yibungenze inda y’amezi indwi yavuga ko mu nda ataco yumva gikakaza."

Felicien NIMBONA avuga ko yituye abajejwe intwaro, bamwemerera ko nibwaca bazobumviriza.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, uwo yakubiswe n’abo yita Imbonerakure avuga ko mu gihe abajejwe intwaro bariko barabumviriza, abamukubise bakiyemerera ko batumwe n’uwutwara Imbonerakure muri ako karere, uwundi murwi waje usubira kubakubita bikomeye, bababwira ko ari "Intumva". Batatu mu bakubiswe basinzikaye bakaba bari mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe biri mu Kigobe (MSF).

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, umwe mu bashingamateka bayoboka RWASA yatowe mu gisagara ca Bujumbura, yishikiye aharaye habereye iyo mishamirano, nawe akaba yakubiswe n’abo nawe nyene yita Imbonerakure.

Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye abashingamateka bayoboka RWASA, aherekejwe na bagenzi we, nabo nyene bashitse ahakubitiwe uwo mushingamateka Bernard NDAYISENGA. Aravuga uko yabisanze.

"Bose bababwira ko aribo bababuza kwitegurira 2020. Umushingamateka NDAYISENGA bahatswe kumunigisha ikaravati. Umukuru wa Karitiye yagerageje kwamama ariko biba ivy’ubusa."

Ibikorwa vy’inama nshingamateka vyahungabanye yose

Muri uwo mwanya w’agatondo ko kuri uwu wa gatanu, abo bayoboka RWASA bari mu Kanyosha, inama nshingamateka yategerezwa gusubiramwo iyigwa ry’itegeko rigenga umwuga w’ukumenyeshamakuru. Ico gikorwa nticabaye kuko igitigiri c’abashingamateka kitakwiye, bitewe n’abo bo mu runani rw’abigenga AMIZERO y’ABARUNDI hamwe n’abo mu yindi migambwe bari basivye.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA ntiyashimye ivyabaye : "Twama tubabwira ko igihe cose dufise ibikorwa ngaha mu nama nshingamateka twama tubabwira ko mutegerezwa kuza. Sinibaza ko igihe cose habaye ingorane hagati y’umunyagihugu n’abandi ko ibikorwa ngaha mu nama nshingamateka twoca tubireka. Si ngombwa ngo abashingamateka bose barenga 20 bagira rimwe ku ngorane iba yashikiye abanyagihugu babiri canke batatu."

JPEG - 54.2 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Pierre Celestin NDIKUMANA atwara abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI siko abibona : "Ubuzima buri imbere, burengeye ibindi vyose, amategeko no hanyuma arirwa."

Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko ivyabaye kuri mugenzi wabo bitazobatera ubwoba. "Biraboneka ko bashaka kutubuza kwitaba amatora. Abariko barakora ivyo ntibiyumvire ko duca tujugumira. Ababikora ni bateshwe bate, ntituzoreka kuvuga ukuri."

Mu runani rw’abashingamateka bayoboka RWASA Agathon bavuga ko umushingamateka Bernard NDAYISENGA abaye umushingamateka agira gatatu wa AMIZERO Y’ABARUNDI akubiswe, uwo Bernard akaba ubwiwe wenyene akubiswe gatatu, nk’uko vyemezwa na Pierre Celestin NDIKUMANA. Abandi bakubiswe ni uwo mu Kirundo na Rutana. Bose hamwe basaba ko ukudahana ivyaha kwohagarara.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.