’’Igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro gitegerezwa kwitonderwa’’

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 Gitugutu 2017 saa 08:59
Yasomwe : 15255
0 0

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu asaba abafise amakenga ku bijanye n’umurwi uriko uriga ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro ko borindira kuko bafise akanya ko kugira ico bashikirije.

Mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego za Reta kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017 ,ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi,Jean Claude KARERWA NDENZAKO avuga ko ibwirizwa nshingiro ariryo tegeko ritwara ayandi yose arico gituma ritegerezwa kwitonderwa.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avuga ko imirwi yose yashizwe mu gikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro ariko ko hari bamwe banse kuja muri ico gikorwa ku mvo zitandukanye.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko mu bikorwa bizokurikira inyuma y’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017 ,uwo murwi uzoca urishikiriza Reta iyo nayo irirungike mu banyagihugu, nkuko biba no kugira ryemezwe ubwa mbere.

Mwomenya ko umurwi ujejwe guhinyanyura ibwirizwa nshingiro wongewe ikiringo co gukora, kiva kw’igenekerezo rya 15 nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha