IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ibitenge 1322 vy’abakora urudandaza rwa magendu vyafashwe

Ibitenge 1322 vy’abakora urudandaza rwa magendu vyafashwe

lundi 7 Myandagaro 2017

Umuvugizi w’igiporisi Petero NKURIKIYE amenyesha ko ivyo bidandazwa vyafatiwe mu bwato 2 abari babizanye babonye abajejwe umutekano baca bakorokera mu mazi, n’ubu igiporisi kiracabarondera.

Petero NKURIKIYE avuga ko kuva hatanguye isekeza ryo gutuza abantu bakora urudandazwa rwa magendu, na cane cane ku ruhande rwa Gatumba aho Uburundi buhana urubibe n’igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abakora urwo rudandazwa baciye bahindura inzira ubu bakaba baca mu mazi ya Tanganyika.

Petero NKURIKIYE yavuze ati : « Biraboneka ko inzira z’abiba zabaye nyinshi kuva igiporisi gitanguye isekeza mu Gatumba aho twafata n’imiburiburi ibitenge 50 ku munsi, abo bakora urudandazwa rwa magendu baciye bahindura inzira ubu bakaba baca mu mazi yo mu kiyaga Tanganyika kuko babonye ko baciye mu Gatumba baca bafatwa. »

Umuvugizi w’igiporisi avuga kandi ko abo bakora urudandazwa rwa magendu batuma Reta ihahombera, kuko ata kori batangira, bigatuma kandi n’abadandaza biciye mu mategeko baca bahomba kuko usanga bariko badandariza ku giciro kimwe n’abo badandaza batatannze ikori.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.