Accueil > Amakuru > Poritike > Ikibanza c’amasengesho y’umugambwe CNDD FDD kigiye kwubakwa mu ntara ya (...)
Ikibanza c’amasengesho y’umugambwe CNDD FDD kigiye kwubakwa mu ntara ya Gitega
jeudi 15 Ntwarante 2018, par
Iyo ngingo yafashwe mu nama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yabereye mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018.
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yibutsa ko iminsi yose ya kane uwo mugambwe uri ku butegetsi wayihariye amasengesho n’ukwisonzesha, agasaba abanywanyi ba CNDD FDD kuvyubahiriza.
"Komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yaremeje icemezo c’isezerano ryemejwe n’abagumyabanga ku wa 18 myandagaro 2017 ryo kwubahiriza umusi wa kane buri ndwi nk’umunsi wo gusenga, kwiyegereza Imana no kwisonzesha. Abagumyabanga bose basabwe kurikurikiza iyo ngingo ata n’umwe avuyeyemwo."
- Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ico kibanza kizokwubakwa i Gitega kizokwama gisengerwamwo iminsi itatu bafatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002.
"Komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yemeje ko mu ntara ya Gitega hubakwa ikibanza c’iryo sezerano, kizohora gisengerwamwo iminsi itatu dufatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002, aho abagumyabanga bafata icemezo ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD."
Mu mugambwe CNDD FDD basigura ko bahisemwo intara ya Gitega kuko muri kahise iyo ntara ariyo yari umurwa mukuru w’Uburundi, intara ya Gitega ikaba kandi iri hagati na hagati y’Uburundi.
Egide NDUWIMANA
Messages
15 Ntwarante 2018, 12:27, par erc
yemwe gusenga nivyiza ntawutemerimana . bakaba aba dd bafashe ingingo yogusengimana yukuri nivyiza . muga bakaba bafashe ingingo yugusenga yamana bashimirako yaturiyisoko irya siyo niguba gwabigati
15 Ntwarante 2018, 16:21, par Mob
Ahubwo mwarasaze hasigaye kwiruka kugasozi
16 Ntwarante 2018, 10:42, par Aferky
Nukuri dutwawe nabi, gushikaho tuza kumwanya wanyuma mubafise umunezero muke kwisi nk’uko raporo ya ONU y’uyu mwaka ivyerekana(UN’s World Happiness Report)
17 Ntwarante 2018, 12:55, par Sogo
Amasengesho n’ikirwanisho gikomeye. Ûfise ico kirwanisho, ntiyigera atsindwa.
19 Ntwarante 2018, 12:55, par Dumbuli
Mugabo burya imbonerakure zizi Imana, Zibasha gusenga se birantangaje cane rwose.
Gusa mbifurije amasengensho meza Imana izobumva nimwaihana
24 Ntwarante 2018, 13:43, par Kagabo Faustin
Mugabo ni vyza ariko ingoma igiye gutsindwa yiyambaza amasengesho kubera ko ibindi biba byayinaniye,kuva kera se ko batabikoze?
27 Ntwarante 2018, 20:42, par lg
Kiriziya ya CNDD FDD! !!!!!!aliko kiriya gihugu gifite abantu babanya bwenge !!!!!!CNDD FDD urusengero rwayo ruyobowe numuyibozi, wayo ubuziraherezo apotre NKURUNZIZA! !!!!!!!
11 Ndamukiza 2018, 09:11, par gaciyubwenge
vyari vyiza ariko kwisonzesha na ba satanistes barabigira kandi gusenga sigitangaza kuko imana ninyishi sinzi iyo basenga iyariyo