IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikibanza c’amasengesho y’umugambwe CNDD FDD kigiye kwubakwa mu ntara ya (...)

Ikibanza c’amasengesho y’umugambwe CNDD FDD kigiye kwubakwa mu ntara ya Gitega

jeudi 15 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iyo ngingo yafashwe mu nama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yabereye mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yibutsa ko iminsi yose ya kane uwo mugambwe uri ku butegetsi wayihariye amasengesho n’ukwisonzesha, agasaba abanywanyi ba CNDD FDD kuvyubahiriza.

"Komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yaremeje icemezo c’isezerano ryemejwe n’abagumyabanga ku wa 18 myandagaro 2017 ryo kwubahiriza umusi wa kane buri ndwi nk’umunsi wo gusenga, kwiyegereza Imana no kwisonzesha. Abagumyabanga bose basabwe kurikurikiza iyo ngingo ata n’umwe avuyeyemwo."

JPEG - 42.6 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ico kibanza kizokwubakwa i Gitega kizokwama gisengerwamwo iminsi itatu bafatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002.

"Komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yemeje ko mu ntara ya Gitega hubakwa ikibanza c’iryo sezerano, kizohora gisengerwamwo iminsi itatu dufatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002, aho abagumyabanga bafata icemezo ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD."

Mu mugambwe CNDD FDD basigura ko bahisemwo intara ya Gitega kuko muri kahise iyo ntara ariyo yari umurwa mukuru w’Uburundi, intara ya Gitega ikaba kandi iri hagati na hagati y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.