IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu kizogaruka mu biganiro (...)

Ikibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu kizogaruka mu biganiro vyimirije

vendredi 10 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe kuba kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma 2017, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru ataremezwa avuga muri ivyo biganiro hashobora gutumirwa abo Reta y’Uburundi yagiriza ugushaka guhirika ubutegetsi, n’ikibazo c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kigashobora kugaruka. Mu mubonano waheruka, umuhuza yari yabwiye abamwitavye ko vyanse ko ibiganiro bitangura mu kwezi kwa kabiri azoca akinjura muri ayo mabanga.

Ayandi makuru ataremezwa n’ubuserukizi bw’umuhuza w’Abarundi avuga ko William Benjamin MKAPA yoba yagondojwe, akemera gutumira abavuga rumwe na Reta bagirizwa ko bafise uruhara mu bugizi bwa nabi bwabaye mu Burundi. Abavugwa ko bashobora gutumirwa ni Alexis SINDUHIJE, Bernard BUSOKOZA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, hamwe na Yohani MINANI umukuru w’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze igihugu. Muri urwo rukurikirane, amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise avuga ko n’ikibazo c’ugusaba isubirizwa ry’umuhuza Benjamin MKAPA cahagaritswe. Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED avuga ko imibonano igeze kure kugira CNARED ihagarike ivyo yari yasavye vy’isubirizwa ry’uwo muhuza.

Mu rupapuro rw’inzira rwahawe abaheruka gutumirwa i Arusha, habonetsemwo ibibazo umunani nyamukuru umuhuza umuhuza avuga ko bizoshimikirwako mu biganiro nyezina bigiye gutunganwa. Ivyo navyo ni ikibazo kijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu, ikijanye n’umutekano w’igihugu, iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu mwaka w’2000 hamwe n’iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, ikibazo kijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ikijanye n’ukugarukana icuka ciza ca poritike, ikibazo kijanye n’isesagurwa ry’amatunga ya Reta aho umuhuza yemeje ko Uburundi buri mu bukene bwinshi, ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu bihugu bitandukanye hamwe n’ikibazo c’ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Ibizokwihwezwa mbona ari vyiza pe, niyo vyatoregwa umuti neza uburundi n,abarundi turakira twiruhutse!Komera Imana Rugira vyose, Mushobora vyose ibije imbere,Amen!

  • Ivyomuzokora vyose , muzobikore nkabarundi kuko amakungu yakinogihe ateye amakenga nizereko mwese mwibuka ivyo HCR yatangaje mumpera yumwaka WA 2015 ahoyavugako mumpera zuwomwaka hazohunga abarundi beshi ngobegeranye ivyokubafasha, kumbe HCR yariyamenye KO URWANDA nububiligi bateguye abantu bogutera amakambi yagisikare cuburundi !
    None ubunaho Hcr mwaraye myumvise koyaraye ibisubiriye kubivuga ahoyaraye ivuzeko muruyumwaka WA 2017 hazohunga abarundi bashinka million, none twamaze kumenya icatumye HCR itangaza ibintunkivyo ubugirakandi! Rekandabaseke nibobavyitera barateye akagongwe!!!

  • URWORUTONDE RW’IBIZOKWIHWEZWA RURATOMOYE. AHUBWO TWOSABA KO IMPANDE ZITUMVIKANA ZOSE ZOKWEMERA URWORUTONDE. IVYOBIBAZO BIZOKWIGWAKO NINKORAMUTIMA KURI TWESE URWORUTONDE RW’IBIZOKWIHWEZWA RURATOMOYE. AHUBWO TWOSABA KO IMPANDE ZITUMVIKANA ZOSE ZOKWEMERA URWORUTONDE. IVYOBIBAZO BIZOKWIGWAKO NINKORAMUTIMA KURI TWESE ABARUNDI.

  • URWORUTONDE RW’IBIZOKWIHWEZWA RURATOMOYE. AHUBWO TWOSABA KO IMPANDE ZITUMVIKANA ZOSE ZOKWEMERA URWORUTONDE. IVYOBIBAZO BIZOKWIGWAKO NINKORAMUTIMA KURI TWESE URWORUTONDE RW’IBIZOKWIHWEZWA RURATOMOYE. AHUBWO TWOSABA KO IMPANDE ZITUMVIKANA ZOSE ZOKWEMERA URWORUTONDE. IVYOBIBAZO BIZOKWIGWAKO NINKORAMUTIMA KURI TWESE ABARUNDI.

  • Nukuri Nisawa Jew Mbona Umuti Arukuja Mubigani Hamwe Bitoshoboka Simbona Aho Tugana Muribi Bihe Turimwo. Inzara Ubukene Bizura Inzara.Inyishu Nibigani Naho Tubwira Abatumva.

  • Imana Ibajimbere, Muganire Muhuza

  • IKIZOKIZA UBURUNDI NI IKI?ABEPISKOPI BACU ,NIRYO JAMBO BADUSHIKIRIJE MBERE YA MABI NAMAHANO TURIMWO,BATUBWIRA KO UKWICARA HAMWE TUKICISHA BUGUFI TUGAHANURWA TUKUMVA TUTARINZE TWAGIRIZANYA UMWE KU WUNDI,ARI YO NZIRA ISHOBOKA YUKO UBURUNDI BWOSIMBA IMANGA!NON TWARAGABITANYIJE,TURICA AMATWI NUBWO BADUHANURA BARI BENSHI,TURATABAGURA IGIHUGU,BENSHI BARICWA ABANDI BARANGAZWA ABANDI MU MPIMBA.NONE BWA BURUNDI BUSHASHA ABAGABO NYABO BAHARANIYE BURI HE?EYI BAMBE WE,INZARA IRICA BENSHI BAGAHAMBWA,UBUKENE BWASHITSE NO MUSI YIBITANDA?NON UWO MUKURU WIGIHUGU N’ABASHINWA KO BATAKOMA?AZOTWARA BIZIGA KDI BITAVUGA,BIDAKORA ,BIDAKUBURA AHO YICARA NGO BIMUKUBURIRE AMABARABARA AGIRA ARENGANE?INYISHU ISHOBOKA NI UGUCA BUGUFI,UKWEMERA INAMA,IMPANURO N’IVYIYUMVIRO VYIZA VYOKIZA IGIHUGU,MU KWICARANA NABO BOSE TUTAVUGA RUMWE MURI BI CK BIRIYA!BITABAYE UKO NIYITEGURIRE GUHAMBA 10 MILLION Y’ABARUNDI!NON TUZIRE UMUNTU UMWE!TURINDIRIY IVYO BIGANIRO KAMINUZA VYOSUBIZA ISURA NUBUZIMA UBURUNDI!MURAKOZF

  • Barundi, barundikazi, namwe rwaruka.
    Harikintu gikomeyecane kandi kibi kubarundi nuburundi naraye numvise hano turi, ahobamwe muboturihamwe hanohanze bamazekwumva umuhuza araritse kohazoba ibiganiro kwigenekerezo rya 16 ukukwezi kwa 2 uyumwaka 2017 baciye baturaramwo batinyegeza ngo igihe cogukora niki ngumuntuwese atange atiziganya ngwariko hakorwe ikintu mu Burundi kibi ngokibe arico abazogenda mubiganiro kizobafasha ngokwemeza reta ya Nkurunziza ko ategerezwa kwemera ko nabagize kudeta bategerezwa kubamubiganiro.
    Ndasavye abarundi bose barimuburundi, abajejwe umutekano mucungebeza mwishize mu Mana, kuko ivyobapaze bijanye nokwica kokobavuzeko ngubu ngokugira uronke uwushiramungiro ivyodushaka ngobisigaye bizimvye ngomwibuke mubihe yaheze korwaronka ababikora kumafranga yama yero arimusi yijana ngubuniyumurose bikugoye ngobasigaye basaba ama yero ashika mumajana.
    Ndabasavye munbabarire kukonaratevye kubibabwira kandi nabimenye Kare ariko narinaramaze kurungika aka audio nafashe ndikondavugana numwe mubariko barambwira kohakwiye gukorwa ikintukibi imbereyuko unusiwibiganiro ugera, murako ka audio ukunvirije usanga jewe narashigikiye cane ivyogukora ayomabi, ndagomba kubabwira ko gufata audio ntabuhingaburimwo urekoda isimu imbereyuko utangura kuvugana numuntu maze ukaca uyishira mumufuko wishati canke ikoti.

  • nn iyo manda yagatatu wumva ibaho?ahubwo muribijuju kabisa kk yabaganje mutahabereye magabo muragowe.

  • Mukirundi barayamaze bati"umuvuduko wa cane ntubuza isake gusiga ineye munzu"!ntibabeshe.none ko kuva kera na rindi ibiganiro bihuza abarundi vyamye biba mwabonye havuyemw’iki??!!!

  • mbere mbona atankuru zikivugwa ngaha kurubuga? imijira.com

  • Icoyiyumvira Kwiyinkuru Nuko Ikiringo Cumukuru Wigihugu Atangorane Giteye Kuko Numuvyeyi Wabarundi

  • Nukuzoreba bakuru mubateguye bakanakora kudeta bagahanwa hisunzwe yangingo yomuri ONU ivugako atarwitwazo narumwe wokwitwaza ngorutume ukora kudeta.
    Abobanturero bakoze kudeta badahanwe amakudeta afrika yocatangura kuba urwungikane ntawoshiramwo.
    Ndabasavye muzorebekure harenze uburundi muzobamugiriye neza uburundi nabarundi n’Africa.

  • nukuribosenibitabibiganiro.Kandibaganirivyoroherezabose.Umunyagihuguwumurundi.Yoroherwe.

  • Benjamin Mkapa ari mubafashije aba DD rero nta buhuza bwiwe mbonye ngaho,muga ntaco akari inyuma karahinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.