IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama Nshingamateka izosaba Reta guhana abokwagirwa no gusinzikaza agateka (...)

Inama Nshingamateka izosaba Reta guhana abokwagirwa no gusinzikaza agateka ka zina muntu

jeudi 14 Nyakanga 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nyakanga 2017, umuvugizi w’Inama Nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE amenyesha ko umugwi udasanzwe washinzwe uzofasha kuraba ko ibiri mu cegeranyo cashikirijwe ku Burundi mu kwezi kwa Myandagaro vyoba bifise ifatiro.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZA avugira Inama Nshingamateka amenyesha ko bishitse mu matohoza azokorwa n’umugwi washizweho n’Inama Nshingamateka bikaboneka ko Uburundi bwaremetswe inteba ishushe, Inama Nshingamteka izosaba Reta kwitura inzego z’ubutungane zibifitiye ububasha.

JPEG - 21.1 ko
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi

Mu kurangiza Inama Nshingamateka y’Uburundi isaba amakungu gufata nkama no gukorera ku biri mu rwandiko Inama Nshingamateka yarungikiye uwurongoye akanama ONU kajejwe umutekano kw’isi.

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017, Inama Nshingamateka y’Uburundi yararungikiye urwandiko umukuru w’akanama ONU kajejwe umutekano kw’isi imumenyesha ko yashizeho umugwi udasanzwe ujejwe guhinyuza ibiri mu cegeranyo c’umurwi ukora amatohoza ku Burundi.

Uwo mugwi washizweho n’Inama Nshingamateka ugizwe n’abashingamateka 12, ufise ikiringo c’amezi atatu co gukora, uhejeje ukazoshikiriza icegeranyo Inama Nshingamateka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Si mugihe hoboneka abagirizwa kuko bariho kandi ntawovugango ntavyo azi kuko abasinzikarijwe ubuzima canke bakaburirwa irengero canke bakicwa ni abarundi, ni benewabo, bashiki,incuti,abagenzi,....babo bashingamateka nyene. Ubundi uwo murwi si urukiza ahubwo ni akaryo kari kabonetse ko kurondera igice c’ukuri kuvyasinzikaje uburundi kuko ibindi bice bizokorwako na CVR. (vyiza bari gutangurira 2008 canke aho CVR itazokora)Ni ukuvugako ahubwo ishaka ryo kurondera abo bantu (atakuraba nkunzi canke igitsure nkuko vyabaye muri kahise kacu kabi ari navyo biguma) vyisubiriza ryoba ryinshi. NI VYO IMANA ISHAKA.Baze banayiture bayisaba kubaha umuco n’inguvu n’ubushobozi bwo gukora ico gikorwa bazonabazwa imbere yayo igihe kigeze umwe wese kugatwe kiwe. Ni bakomere kw’ibanga rero.

  • Ubwo murantangaza mutohoza ivyo mwakoze mwebwe nyene!?
    nukuri ababantu baribaza kwa bantu aribijuju bose"? ivyamabi yakorewe abarundi, abobatowe ngobatohoze nibo barimubambere bakoreye ububisha bukomeye abanyagihugu ngonibo bakora amatohoza!, nibara kumutemere, ntanaho vyakabonetse mwene gukora amabi noguhimiriza imiso gufata kunguvu abakenyezi nabigeme ngo niwe agiye gutohoza.
    ivyo ntibishoboka,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.