IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama Nshingamateka yatanze intererano y’amatora mw’ibanki Nkuru (...)

Inama Nshingamateka yatanze intererano y’amatora mw’ibanki Nkuru y’Igihugu

mardi 6 mars 2018

Pascal NYABENDA, umukuru w ‘inama nshingamateka y’Uburundi, yavuze ko iyo ntererano yatanzwe n’abashingamateka ubwabo, hamwe n’abandi bakozi bakorera mu bisata bitandukanye vy’inama nshingamateka y’Uburundi.

Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi yavuze ko, babikoze mu ntumbero yo kwifatanya n’abandi barundi bamaze guterera amatora, kugira amatora ategekanijwe mu mwaka wa 2020 azogende neza.

JPEG - 164.6 ko
Pascal NYABENDA, Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi

Pascal NYABENDA yaboneyeho akaryo ko gushimira abashingamateka n’abakozi kuko bose bashize hamwe, kugira baterere amatora, ariko bidasanzwe yashimiye abashingamateka bava mu mugambwe CNDD-FDD kuko batanze akabahasha kisununuye gusumba abandi.

Umukuru w ‘Inama Nshingamateka yamenyesheje ko babikoze ubu, kuko umukuru w’igihugu yabateye akamo, abashingamateka, kandi bakaba ari nabo ba mbere bakwiye gushigikira amatora, kuko bazi ico yabamariye, kandi bari mu bibanza barimwo kubera amatora.

Ico gikorwa cari citabwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nshingamateka Jocky Chantal NKURUNZIZA, abashingamateka, hamwe n’abandi bakozi bo mu bindi bisata bikorera mu nama nshingamateka.

Igikorwa co guterera amatora catangujwe n’umukuru w’igihugu , aho yatanze amafaranga imiriyoni zitanu z’amarundi, abicishije kuri konte yo guterera amatora yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.