IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Inama Nshingamateka yemeje integuro y’ibwirizwa rigenga umudandaza (...)

Inama Nshingamateka yemeje integuro y’ibwirizwa rigenga umudandaza yahomvye

mercredi 8 novembre 2017

Umushikiranganji w’ubudandaji, ingenzi n’amahinguriro Pelate NIYONKURU niwe yari yaje gusigurira abashingamateka ibiri muri iyo nteguro y’itegeko, yongera asigura akarusho iryo tegeko rizozana mu gisata c’ubudandaji mu Burundi.

Pelate NIYONKURU yavuze ko iyo nteguro y’itegeko igabuye mu bice bitatu, harimwo ibijanye no guhomba kw’umudandaza, ingingo ifatwa n’ubutungane hamwe n’igisata ciyongereyeko kijanye n’abadandaza biboneka ko ibikorwa vyabo bitariko bigenda neza.

Umushikiranganji yasiguriye abashingamateka uturusho dushasha turi muri iyo nteguro y’itegeko bisunze uko vyari bimeze ubwa mbere.

Yasiguye ati : « Iyo nteguro y’itegeko itaraza vyari bigoye ko umudandaza ava hanze ariha, ariko ubu iyo nteguro ije gufasha mu rudandazwa mpuzamakungu, kuko izohuza amategeko y’Uburundi n’ayo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. »

Pelate NIYONKURU aramutswa ubushikiranganji bw’ubudandaji avuga ko iyo nteguro y’itegeko izofasha kandi abadandaza bahomvye gusaba gushigikirwa, rigafasha kandi gutunganya neza amategeko agenga umudandaza yahomvye.

JPEG - 44.3 ko
Pelate NIYONKURU,Umushikiranganji w’ubudandaji

Amaze gusigura impinyayuro zakozwe n’umurwi ujejwe ibibazo vy’ubutungane n’agateka ka zina muntu muri iyo nteguro y’itegeko, umukuru wawo umushingamateka Felix NIRAGIRA yunganiwe n’abandi bari kumwe mu murwi basiguye kandi ingingo zimwe zimwe zateye amakenga abashingamateka.

Ku makenga abashingamateka bashikirije, bagarutse ahanini ku kibazo kijanye n’ishirwa mu rurimi rw’ikirundi amategeko hamwe n’ishikanwa ryayo mategeko ku banyagihugu ari nabo akorako, kuko hari menshi ashikanwa mu bajejwe intwaro agaca abikwa.

Abashingamateka kandi bashatse kumenya ico iyo nteguro y’itegeko izozana ku nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018,k’ubutunzi bw’igihugu hamwe n’ibijanye n’ubudandaji mu Burundi.

Ku kibazo co kumenya akarusho nyezina itegeko rishasha rizaniye abadandaza baba bahomvye, umushikiranganji w’ubudandaji yavuze ko abadandaza bazoronka ikiringo c’umwaka kugira babanze biyungunganye, kandi bazoronka akaryo ko gusaba ko bashigikirwa n’ibindi bisata bitanga ingurane mu ntumbero yo kurondera uko bariha ingurane basavye.

Umushikiranganji Pelate NIYONKURU yamenyesheje ko bisunze ibiri mw’itegeko ingingo zifatirwa abadandaza bahomvye zizoja mu ngiro babanje kubangira, bikazotuma umudandaza aba ariyungunganya akaba arariha bikazoca bigira ingaruka k’ubutunzi bw’igihugu.

Pelate NIYONKURU yasiguye kandi ko abafise amahinguriro bahora bihombesha mu gihugu kugira baje gukorera mu bihugu vyo hanze batazobikora, kuko aho bazoba bari hose bazoshobora gukurikiranwa bakarihishwa bigatuma amahinguriro azoguma akorera mu gihugu.

Bamaze kurica hirya no hino, umushikiranganji n’abashingamateka bagahanahana ivyiyumviro ku vyohindurwa muri iyo nteguro y’itegeko, ryahavuye ryemezwa n’abashingamateka bose bari bitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka uko bari 92.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.