IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Inama ya EALA yatanguye abashingamateka baserukira Uburundi (...)

Inama ya EALA yatanguye abashingamateka baserukira Uburundi badakwiye

lundi 6 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko vyatanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 Ntwarante gushika kurya 17 uku kwezi nyene, mu gisagara ca Kigali, mu gihugu c’Urwanda. Abashingamateka batanu b’Abarundi bari bamenyesheje ko batazokwitaba ivyo bikorwa siho bari, ku mvo z’umutekano wabo bavuze ko batizeye mu Rwanda.

Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko baheruka kubwira uwo atwara iyo nama ko batazokwitaba ibikorwa vyayo bitegekanijwe kubera mu Rwanda. Abo bashingamateka bavuga ko umutekano wabo utoba wubahirijwe kubera imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza.

Abo bashingamateka batanu bose ni abo mu mugambwe CNDD FDD. Abo nabo ni : Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.

Ijambo ry’ukwugurura ivyo bikorwa ryashikirijwe na Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Urwanda, aho yamenyesheje ko akarere ka Afrika y’ubuseruko kaboneka nk’akariko karatera imbere cane, ari naco gituma ibihugu bigize ako karere bitegerezwa gukora ivyo bishinzwe.

Yagize ati : “Dukeneye umuryango ukora neza akazi kawo. Afurika ikeneye kuvuga rumwe, ikagira ijwi rimwe kandi ryubashwe mu ruhando rw’abatuye isi. Amavugurura yemeranyijweho azatuma tubasha kugera kuri iyo ntego naramuka ashyizwe mu bikorwa nta gukererwa. Gusa haba ku rwego rw’umugabane cyangwa rw’akarere, intego yacu ntiyagerwaho tudakoreye hamwe, tukaguma mu kwihugiraho mu bidutanya, tugaha umwanya izindi nyungu aho kwita ku neza ya twese, nk’uko dukomeza kubibona hamwe na hamwe.”

JPEG - 192.5 ko
Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Urwanda

Muri ukwo gukorera hamwe kw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu Paul KAGAME yagize ati : “Mu gukorera hamwe hashobora kuba ibidatunganye, ariko gukorana ni byo bidufitiye akamaro twese. Iyo dukoze dutatanije amaboko aho gukorera hamwe, twese ntawe ubyungukiramo. Rero mureke duhe imbaraga inzego zinyuranye bityo zikore neza akazi zishinzwe zidufashe gutera imbere."

Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, mw’ijambo yashikirije, yashimiye ubuyobozi bwakiriye ibikorwa vy’iyo nama, avuga ko igihe kigeze ko ishirahamwe EAC ryungukira mu bushobozi n’ubwenge rifise, mu guhangana n’ibibazo rihura navyo.

JPEG - 165.1 ko
Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA)

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.