IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Ingingo zimwe zimwe zahinyanyuwe ntizisunze amasezerano ya Arusha’’-RANAC

’’Ingingo zimwe zimwe zahinyanyuwe ntizisunze amasezerano ya Arusha’’-RANAC

mercredi 20 décembre 2017

Mw’itangazo umugambwe RANAC wasohoye kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Kigarama 2017, uwo mugambwe umenyesha ko ukurikira hafi ibijanye n’ingingo zimwe zimwe zahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro, ziriko zirasigurwa mu gihugu.

Muri iryo tangazo,umugambwe RANAC amenyesha ko ari uburenganzira bw’igihugu cose guhinyanyura ibwirizwa nshingiro, ariko ko k’Uburundi ibwirizwa nshingiro ryahahora ryavuye mu masezerano ya Arusha, ari naco gituma na rishasha ryoguma ryisunze amasezerano ya Arusha.

Umugambwe RANAC umenyesha ko mw’ibwirizwa nshingiro rishasha hari ingingo zimwe zimwe zihonyanga intwaro rusangi, hakaba kandi ivyakuwemwo n’ivyongewemwo bihonyanga ingingo ngenderwako z’intwaro rusangi.

JPEG - 40.5 ko
Aloys BARICAKO,Umukuru w’umugambwe RANAC

Umugambwe RANAC umenyesha ko wihweje neza ingingo zimwe zimwe zidahuye n’amasezerano ya Arusha, ukaba witeguye gushikiriza ibindi vyohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro rishasha rigiye kwemezwa canke guhakanwa.

Naho biri ukwo, umugambwe RANAC umenyesha ko witeguye kurungika amazina mu murwi utegura amatora CENI w’abazowuserukira mu mirwi itegura amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mu kiganiro yagiranye n’abaserukira imigambwe hamwe n’abanyeporitike mu Burundi, Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ashobora kuba mu kwezi kwa gatanu 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.