"Inyishu y’ibibazo vya poritike y’Uburundi iri mw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha"

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 29 Myandagaro 2017 saa 09:59
Yasomwe : 14220
0 0

Mu runani CNARED rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi bamenyesha ko amasezerano y’i Arusha ariyo yatumye igihugu c’Uburundi gitekana mu kiringo c’imyaka irenga cumi. Muri urwo runani bavuga ariko ko ayo masezerano yasenyuwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarengeje ibiringo bibiri vy’ugutwara, kandi ayo masezerano abibuza.

Mw’itangazo rwasohowe n’urunani CNARED, bibuka imyaka 17 iheze amasezerano y’i Arusha ateweko umukono, Karori NDITIJE arongoye urwo runani avuga ko intureka za poritike Uburundi burimwo kuva mu mwaka w’2015 zatewe n’ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, muri urwo runani bakavuga ko izo ntureka zidateze guhera, kubera umugambi wa Reta y’Uburundi w’uguhindura ibwirizwa shingiro.

Muri CNARED bavuga kandi ko n’inzira y’ibiganiro yari yatangujwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ataco yashoboye gushikako, bitewe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura butemeye kwicarana n’abo batavuga rumwe.

JPEG - 19.7 ko
Karori NDITIJE, umukuru w’urunani CNARED

Karori NDITIJE arongoye CNARED asaba abakuru b’ibihugu bo mu karere Uburundi buherereyemwo basanzwe barakurikiranye ivy’amasezerano y’i Arusha, ko bogondoza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akavavanura n’ingingo y’uguhindura ibwirizwa shingiro. Mu gihe ubutegetsi bw’Uburundi bwokwanka naho, CNARED isaba ko ibihano vyofatwa. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha nayo isabwa kubandanya amatohoza yatanguje ku vyaha vyakozwe kuva kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2015, kugira ababikoze babibazwe imbere y’ubutungane.


Kumenyekanisha

1
Ntakirutimana John 31-08-2017 à 06:29

Jewe murantangaza iyonumva muriko muravuga rwibihugu bigize afrika ngo bigondoze nkurunziza petero!, birya bihugu vyarananiwe ntacobizigera bishikako nagatoya.
Mwebwe abanyepororitike mutahinduye umukenyuro wundi, hagakoreshwa ubuhinga buhanitse bwokumurwanya bwagisirikare, ntamusi azigera yemera ibiganiro.
mwebwe mwishinga kuvuga ibiganiro, nawe akaba mukwitegura mukwigisha imbonerakure zizokora ihonyabwoko!,
namwe muriko muteguriki?
hari hasigaye aho muva mumajambo yibiyage, mugakorikintu twebwe abanyagihugu coshobora kudushimisha,
Bitaruko twese azotumara hasigare imisaka.

2
Fernandez 30-08-2017 à 19:45

Aba ni ba Ngeze muri 1993, abantu nkaba nikubacakira bakishura kumabi basize bakoze,

3
Kanyami 29-08-2017 à 22:23

Mbe Nditije ntiwosubira kuri université aho upfa wangara. Baraguhenze. Kanura ubone.

4
KADANGI MABROUK 29-08-2017 à 13:47

barabahenze murashaka mwishikane

5
kad 29-08-2017 à 13:45

barabahenze ahubwo sentare mpuzamakungu izotanguze amatohoza ihere1965,1972,1988,1993,1996...gushika ubunyene

6
Masabo 29-08-2017 à 10:25

naho Muvuga Uyomugabo Aragoye Nimugerageze Murabe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha