IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ACAT Burundi risaba irekurwa ry’uwahoze ari umunywanyi (...)

Ishirahamwe ACAT Burundi risaba irekurwa ry’uwahoze ari umunywanyi waryo

mardi 19 Nyakanga 2017

Mu cegeranyo ishirahamwe ACAT c’ukwezi kwa Myandagaro 2017,ishirahamwe ACAT rigaruka kw’ihagarikwa n’ipfungwa ry’uwahoze ari umunywanyi waryo Germain RUKUKI yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, aca aja gupfungirwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ngozi ajeje kwumvirizwa n’ubutungane.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe ACAT riragaruka kandi kw’ikomeretswa rya colonel KADENDE aho yari apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rumonge, ariko aca yankirwa kwivuza n’ubuyobozi bw’ibohero rya Bujumbura aho yungururijwe.

Ico cegeranyo kandi kimenyesha ko umunyeshuri wo muri kaminuza y’Uburundi Audace NKUNZIMANA nawe yankiwe kwivuza n’ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Bujumbura.

Ishirahamwe ACAT risaba Reta y’Uburundi kwubahiriza ivyo yiyemeje mu bijanye no gukingira agateka ka zina muntu biciye mu masezerano yateyeko umukono,rigasaba kandi ko Germain RUKUKI yahora ari umunywanyo wa ACAT arekurwa ata gisabwe.

Ishirahamwe ACAT risaba kandi amakungu guhata Reta y’Uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu nkuko biri mu masezerano yemejwe, rigasaba kandi sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI gutanguza amatohoza ku mabi yo guhohotera agateka ka zina muntu yakozwe kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2015, nk’uko vyasabwe n’umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.