IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe NTABARIZA risaba abaheruka kurekurwa kwitaho ibikorwa (...)

Ishirahamwe NTABARIZA risaba abaheruka kurekurwa kwitaho ibikorwa vy’iterambere

jeudi 26 Nzero 2017

Ishirahamwe ry’abahoze bapfunzwe NTABARIZA risaba abaheruka kurekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu kwitaho ibikorwa vy’iterambere ,bakirinda kandi gusubira gukora ivyaha vyotuma basubira gufatwa bagapfungwa.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe NTABARIZA Gloriose MUKAMANA,iryo shirahamwe rimenyesha ko rishimira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo gutanga ikigongwe ku bapfungwa 2500 ,rigashimira kandi ubushikiranganji bw’ubutungane buriko burashira mu ngiro iyo ngingo.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe NTABARIZA rimenyesha ko rizokurikiranira hafi isubizwa mu miryang ry’abarekuwe,rigasaba amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu gufasha no kuba hafi abarekuwe .

Ishirahamwe NTABARIZA risaba abakiri mw’ibher kwigenza neza,rikamenyesha kandi ko rizobandanya gusaba ko umunyrro wosubirizwa n’ibikorwa biteza imbere igihugu.


IGIHE

Messages

  • oky none konuzabwenge idyozina mukantabana nidyikirundi? cangwe nidyomurw anda? yewe budya twarinjiranywe,

  • Uwo yiyita Murundi nibaza ko yasomye nabi. Handitswe Mukamana si Mukantabana. Hariho abarundi benshi bafise amazina akomoka mu Rwanda nkuko hariho abanyarwanda basangiye amazina n’abarundi. Muri province ya Kirundo kenshi usanga basangiye amazina niminota. Si mu Kirundo gusa, ariko abarundi n abanyarwanda begereye ku mbibe zivyo bihugu vyompi usanga bahurira kuri vyinshi. Ndibaza ko ivyo bitotuma woshiramwo umuntu nabi kubera izina

  • Bantumurekuwemugerageje,mukorekuko Kuvayomubikese Nkurunzizahama Muhirahire Musubirekw,itwaranabi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.