IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko ugusamara gutuma amazi ataco amarira (...)

Ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko ugusamara gutuma amazi ataco amarira Uburundi

jeudi 22 mars 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018,umukuru w’ishirahamwe PARCEM, Faustin NDIKUMANA ,yamenyesheje ko inzuzi ,ibiyaga hamwe n’imyaba y’amazi igihugu c’Uburundi gifise bishika ibice 10 kw’ijana vy’agataka k’igihugu cose.

Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko abahinga berekanye kw’ayo mazi yotuma igihugu kironka inyungu nyinshi nk’ibijanye n’umuyagankuba mwinshi ,kurima mu mezi yose y’umwaka ,kuronka ingenzi ariko ivyo vyose bitarakorwa bitumwe no kubura ishaka ry’ababijejwe.

Uwo mukuru wa PARCEM avuga ko ata migambi iriho iboneka kugira ubwo butunzi bw’igihugu bushobore gukoreshwa ku nyungu z’igihugu kandi ko ata gikozwe ibiti bishobora kubura mu gihugu.

JPEG - 24.7 ko
Faustin NDIKUMANA, Umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko buri mwaka igihugu gihomba amahegitare 60 mu gihe mu bindi bihugu haterwa ihegitare y’ibiti.

Faustin NDIKUMANA atera akamo ababijejwe bose kureka gusamara kugira ubwo butunzi bw’amazi menshi igihugu gifise bukoreshwe ku nyungu ya bose.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.