IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe PARCEM risaba kwitwararika igisata c’intwaro mu bijanye (...)

Ishirahamwe PARCEM risaba kwitwararika igisata c’intwaro mu bijanye n’ubutunzi

vendredi 20 avril 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamkuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2018,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko mu cegeranyo bakoze kijanye n’intwaro mu vy’ubutunzi mu mezi atatu arangiye, basanze ata gitabo cerekana imigambi ishirwa mu ngiro kiriho kandi uko amafaranga akoreshwa mu mezi 3 aba aheze biterekanwa.

Faustin NDIKUMANA avuga ko inzego zijejwe gukwirikirana ivy’intwaro ijejwe ubutunzi ataco zikora, akavuga nka sentare ijejwe kwubahiriza amatungo ya Reta, itegeko rijanye no kurwanya igiturire ryibagiwe bituma haba abantu baronka ubutunzi budasiguritse.

Uwo mukuru wa PARCEM asigura ko kubona ugukorana hagati y’abikorera utwabo na Reta bidafata umurindi uboneka hamwe n’amashirahamwe ya Reta atera asubira inyuma nka ONATEL na SOSUMO, vyerekana ko igisata c’intwaro kijanye n’ubutunzi kitifashe neza.

JPEG - 56.1 ko
Faustin NDIKUMANA, Umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA asaba ko haba igihinduka muri ico gisata kijanye n’intwaro iraba ivy’ubutunzi, kuko iyo ubutunzi bwifashe nabi mu gihugu bituma na poritike mu gihugu imera nabi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.