IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amashirahamwe yitaho ineza y’abakenyezi asabwa gushigikira abatwakazi

Amashirahamwe yitaho ineza y’abakenyezi asabwa gushigikira abatwakazi

mercredi 7 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, SABUSHIMIKE Imelde,icegera c’umukuru w ‘ishirahamwe UNIPROBA, amenyesha ko abatwakazi bo mu Burundi batarashikirwa n’utwigoro tw’amakungu na Reta y’Uburundi two gushira abakenyezi mu bikorwa vyo gutunganya ubuzima bw’imiryango n’igihugu.

Icegera c’uwurongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA,Imelde SABUSHIMIKE amenyesha kandi ko abatwakazi mu Burundi bakiri inyuma cane ugereranije n’abandi barundikazi, kuko naho bari baziga amikora hamwe hamwe hugawe.

Ati :« Abatwakazi nibo babumba inkono, ariko ingingo zikomeye zarafashwe zo gukingira ibidukikije aho batakironka ibumba ku bwinshi, bigasongwa n’uko n’utubonetse badashobora gushora kw’isoko maze ngo batunge imiryango yabo. »

JPEG - 20.2 ko
SABUSHIMIKE Imelde, icegera c’uwurongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA

Icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA ahamagarira abandi barundikazi gufata mu mugongo abatwakazi, kandi baterere agacumu k’ubumwe mu rugamba UNIPROBA yatanguje rwo guharanira agateka k’abatwa, bongere bafashe baciye ku bashingantahe canke basaza babo gutambutsa ubutumwa bwa UNIPROBA.

SABUSHIMIKE Imelde asaba Reta y’Uburundi kubandanya ikora uko ishoboye kugira ngo ibandanye umugambi umugambi yatanguye wo gushigikira abatwa, no kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ku bijanye n’ibice 30 kw’ijana, bakagenzura ko vy’ukuri abatwa boba barimwo.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mu Burundi, uzohimbarizwa mu ntara ya Kayanza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.