IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rivuga ko Uburundi buzosubira inyuma kuko (...)

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rivuga ko Uburundi buzosubira inyuma kuko buvuye muri CPI

vendredi 27 octobre 2017

Mw’ijambo ryashikirijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya biciye k’umuvugizi waryo, bamenyesha ko kuba Uburundi bwavuye muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu bizotuma ingingo zofatwa kubahohoterwa hamwe n’abahohotera agateka ka zina muntu zidashirwa mu ngiro, kandi bikazotuma amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike atagira inguvu.

Ubumwe bwa Buraya bushikiriza kandi ko icegeranyo giheruka c’umugwi wigenga ujejwe amatohoza mu Burundi cashize ahabona uko agateka ka zina muntu kagiye gahonyagwa mu ndyane n’ubu zikibandanya, rikavuga kandi ko kuva mur’iyo sentare atari inzira yo gutorera inyishu indyane ziri mu gihugu ,ariko bizotuma haba ukudahana.

Ivyo bihugu bishikiriza ko inyishu y’ibibazo vy’Uburundi bishingiye ku butungane, gushiraho ubutungane hamwe no guhana abo bose bakora ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu .

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryipfuza ko Uburundi bwari busanzwe ari umunywanyi wa CPI bwobandanya gukorana n’iyo sentare


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.