IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba ko abagipfunzwe bafatiwe mu (...)

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba ko abagipfunzwe bafatiwe mu myiyerekano barekurwa

jeudi 22 mars 2018

Mw’itangazo abo baserukira ibisata vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, basohoye kur’uno wa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018,bamenyesha ko bakiriye neza irekurwa ry’abanyororo 740, harimwo 450 bapfunzwe kubera ivyabaye mu mwaka wa 2015.

Abaserukira ibisata vy’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, bamenyesha ko ari nkenerwa ko ivyo guhagarika abantu hatisunzwe amategeko no gutera ubwoba bihagarara, abakoze ibibi bagakurikiranwa kugira hagaruke umwizero hagati y’abanyagihugu n’ubutungane.

Muri iryo tangazo, abo baserukira ibisata vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bavuga ko, ari muri iyo ntumbero ingingo ziboneka mu kwubahiriza agateka ka zina muntu, gukomeza Reta ishingiye ku mategeko, kwugurura urubuga rwa poritike, no gushiraho ibiganiro vyitabwe na bose vyofasha mu guteza imbere uko ibintu vyifashe mu Burundi no gusubizaho imigenderanire myiza hagati y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.