IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihamagarira Reta y’Uburundi kwubahiriza (...)

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihamagarira Reta y’Uburundi kwubahiriza amasezerano ya Arusha

mardi 8 mai 2018

Mw’itangazo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryashize ahabona kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, rimenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro aza asubiza inyuma ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, bishigikiwe kandi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, rimenyesha ko ridashimishwa n’ihagarikwa ry’iradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, kandi ko bishobora gutuma hataboneka amakuru akwiye ku matora y’ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha kandi ko rikurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, aho hari abaharanira agateka ka zina muntu babandanya guhagarikwa nka Germain RUKUKI.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihamagarira abategetsi b’Uburundi kwubahiriza amasezerano ya Arusha, yafashije kugira ubutegetsi buhanahanwe mu mahoro, yafashije kandi kugira haboneke amahoro n’umutekano mu karere.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ishirahamwe gyaburaya babona ingene abantu bariko barafa bakaguma mumajambo kandi bafise ubushobozi bwoguhagarika ubwicanyi i burundi ayo matangazo bazoyareke nakare ntanakiwe bifasha umusi bazokenera gufasha bazovuge nayoubu nibareke.

  • Ariko EU uwayirogereye ku Burundi ntiyakaravye ! Ubumuvyukuri ahogutabariza ziryampunzi zaba Congomani zirirwa ziracurwa bufuni nabuhoro zongera zicwa zipfubgwa, musimbiye kubibereye mumatora yibwirizwashingiro ryigihugu cabo ngo birababangamiye !? Yemwe nambahariho abasenga murwize igisabisho musengere EU ngiravyobafasha.

  • UBUMWE BWABURAYA BURAGARUTSE KUVUGA KUBURUNDI ? IMMFASHANYO ZANYU TWARAHEVYE BAMUTUREKE BIRABIRE INGENE TUYATUNGANYA BIEN

  • ubumwe bwa buraya nukugorana barazineza ingorane zu Burundi, sinumva ibindi irikwirasaba reta yu Burundi ubumwe bwa buraya vyabunaniyegutorerumuti ikibazo cuburundi nibareke gusubira kutugora twibeko, bareke kutwicishamajambo

  • ubumwe bwa buraya bwishwe n,akobonge kamahoro ariwacu ngenda muvuruge ahandi kirimwo abagabo

  • @ Mama
    Ntukavange ibatavangika, Impunzi z’abakongomani ni nde wazigushinze. Mujye mureba iby’ iwanyu ibyacu mu biturekere.

  • @Nzovu, murambabarira sinzosubira kuvuga ivyaboba Congomani ariko....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.