IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques BIGIRIMANA yasiguye igituma hari abadashaka ihinyanyurwary’ibwirizwa (...)

Jacques BIGIRIMANA yasiguye igituma hari abadashaka ihinyanyurwary’ibwirizwa nshingiro

samedi 30 décembre 2017

Mu gihe yariko yipfuriza umwaka mwiza abanywanyi b’umugambwe FNL bava mu gisagara ca Bujumbura n’abaserukira abandi ku rwego rw’intara n’amakomine, Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL yavuze ko ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe ritanga intumbero y’ingene abakoze ubwicanyi bazohanwa.

Jacques BIGIRIMANA asaba abanywanyi b’umugambwe FNL arongoye kwitaba amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro, abasaba kandi kuryemeza, kuko riza gutorera inyishu ikibazo c’ubutungane ku bakoze ubwicanyi.

Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha, Jacques BIGIRIMANA avuga ko mu mugambwe arongoye bemera amasezerano ya Arusha, ariko ko yari meza mu gihe yari ajanye n’ibihe igihugu carimwo.

Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL avuga ko ayo masezerano yabaye hagati yabari bafise ivyo bakoze, akavuga kandi ko amasezerano ya Arusha akwiye kwunganirwa.

Umukuru w’umugambwe yarangije asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ko yogirira ikigongwe urwaruka rupfunzwe rwagirizwa ko rwagize imyiyerekano, mu ntumbero yo kubipfuriza umunsi mukuru wo kurangiza umwaka, kuko nk’umunyaporitike, atahura ko urwo rwaruka rwahenzwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ICIYUMVIRO C’UKO UMUKURU WIGIHUGU YOREKURA ABANYORORO BAPFUNZWE BAGIRIZW IMIGUMUKO BOREKURWA NDAGISHIGIKIY CAANE ! NAYO IVY UGUTORA IBWIRIZWA NSHINGIR6, ABARUNDI BAKWIY KUVYITONDERA KUK NUKUTUZANIRA IBIGORI VYOGUHEKENYA BAZANANY NINYUNDO YO KUDUHONGORA AMENYO KUGIRANGO ABE ARIBO BAVYIRIRA ARK VYANDIKW KO ARITW TWABIRIYE ! WANASIASA WA BURUNDI HATARI KWELI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.