IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Kwigisha ibijanye n’ibwirizwa nshingiro ni uburenganzira bwacu’’

’’Kwigisha ibijanye n’ibwirizwa nshingiro ni uburenganzira bwacu’’

jeudi 12 avril 2018

Umushingamateka Pierre Célestin NDIKUMANA avuga ko mu ntwaro rusangi abantu bategerezwa kugira uburenganzira bumwe, ari naco gituma kwitaba isekeza ryo kwigisha ibijanye n’ibwirizwa nshingiro ari uburenganzira bwabo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.

Ku bijanye n’uko hari abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bahagarikwa bazira ko boba bariko bigisha gutora ‘’Oya’’, Pierre Célestin NDIKUMANA asigura ko bibabaje, kandi ko ata kindi bazira atari ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Ati : « Abantu bacu barafatwa hirya no hino bazira ivyiyumviro vyabo vya politique. Birababaje cane mu gihugu citwa ngo kiri mu ntwaro rusangi. Mu gihe abantu bacu usanga bariko barazira umwikeko, ibiriko biba vyose ni iterabwoba ariko nta mvura idahita. »

Yisunze ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE, aho yasavye abajejwe intwaro kuva ku rwego rwo hasi ko ata wiyandikishije mu murwi utegura amatora CENI kugira aze yiyamamarize amatora y’ibwirizwa nshingiro yoburabuzwa, Pierre Célestin NDIKUMANA asaba ko iterabwoba rikorerwa abo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rihagarara.

’’Vyoba biteye isoni igihe hoba umuntu ahamwa kubera ivyiyumviro vyiwe.’’

Umushingamateka Pierre Célestin NDIKUMANA avuga ko vyoba biteye isoni igihe hoba umuntu ahamwa kubera ivyiyumviro vyiwe kandi ugutora iki canke kiriya birekuwe n’amategeko na rirya kuja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro bisigura ego canke oya.

JPEG - 80.9 ko
Hon Pierre Celestin NDIKUMANA, arongoye umurwi w’abashingamateka b’Urunani Amizero y’Abarundi (Photo : Iwacu)

Uwo arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, aravunira akagohe kandi abanywanyi b’Urunani, ko mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo bobikora neza bagatanga n’akarorero keza.

« Bomenya ko uburenganzira bwabo aribo nyene ubwabo bo kubuhagararira,ntihagire ababatera ubwoba ahubwo bumve ko bategetezwa gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu bwitonzi no muburwaneza. Botanga akarorero keza kubo babana bo mu yindi migambwe. Bokwirinda agasotoro bakigira kure ico cose kijanye n’ukutaraba ryiza. »

Isekeza ryo kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ritegekanijwe gutangura kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018.

Inyuma y’inama yahuje abarongoye imigambwe ikorera mu Burundi n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, umushikirangani Pascal BARANDAGIYE yavuze ko abiyandikishije mu murwi CENI aribo bonyene bafise uburenganzira bwo kwigisha ibijanye n’ibwirizwa nshingiro mu gihugu cose.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yaboneyeho akaryo ko gusaba abajejwe intwaro kuva ku bucimbiri, kutagira uwo baburabuza kubera ivyo yigisha kandi abirekuriwe n’uburenganzira.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.