IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Umuhuza Benjamin Mkapa yavuze ivyavuye mu biganiro bitaratangura

MSD : Umuhuza Benjamin Mkapa yavuze ivyavuye mu biganiro bitaratangura

vendredi 24 Ruhuhuma 2017

Umugambwe MSD umenyesha ko utangazwa no kuba umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin Mkapa yamenyesheje ko habaye ukwumvikana ku bibazo bihanze igihugu, kandi abegwa n’ivyo bibazo bataratangura kubiharirako.

Mw’itangazo umugamwe MSD wasohoye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, riterwako umukono n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Francois NYAMOYA, uwo mugambwe umenyeshako umuhuza yahejeje ibiganiro bitaranatangura.

Muri iryo tangazo,umugambwe MSD umenyesha ko wisunze ivyashikirijwe n’umuhuza Benjamin Mkapa, yobishikiriza inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko kugira bige ku ntambamyi zibangamiye ibiganiro.

Umugambwe MSD umenyesha ko wisunze ivyashikirijwe n’umuhuza Benjamin Mkapa inyuma y’ibiganiro vyabaye kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,hari ukudatahura ikibazo kiri mu Burundi, hakaba kandi no guhengamira ku buryo bwinyegeje ku ruhande rwa Reta y’Uburundi.

Mwomenya ko umugambwe MSD utitavye ibiganiro vyabaye kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,ukamenyesha ko wagumye umenyesha imvo zatumye utitaba ivyo biganiro.


IGIHE

Messages

  • ko mutavyitavye ntivyabaye?muratwenza kweri

  • Oya abarundi barafise ivyobumvikanye, ahubwo ivyobiganiro muvuga bitaratangura nivyabababirigi barihamwe na Kagame, nutwodukoreshotwabo twabarundi turiko turaserura amajwi.

  • EMWE IVYO MSD IVUGA NIVYO!BIRYA BIGANIRO HARIMWO MCEZO WA NDANI!NIBARONDERE AMAHORO YUKURI!

  • Ivyo MSD ishikirije , ntaco ibeshemwo . Kko abasirikare bataye igisirikare hamw n’iyindi mirwi yafashe ibirwanisho ndetse na societe civile yagiye mwibarabara yiyamiriza isenyurwa ry’amasezerano y’i Arusha badatumiwe ivyo biganiro ntaco bizoshikako na gato . Abagiye i Arusha bishakira utwo barya gusa .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.