IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Magera:’’ Nta nsiguro n’imwe ituma abanywanyi b’umugambwe bahagarikwa’’

Magera:’’ Nta nsiguro n’imwe ituma abanywanyi b’umugambwe bahagarikwa’’

vendredi 24 Ntwarante 2017

Inyuma y’iminsi iheze abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bahagarikwa kandi bagapfungwa, umuvugizi w’uwo mugambwe Aime MAGERA, amenyesha ko ata nsiguro nimwe ihari ituma bahagarikwa.

Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko abanywanyi b’umugambwe FNL bahagarikwa bagirizwa kugirisha inama zidakurikije amategeko, kandi atari vyo.

Kubwa Aime MAGERA avuga ko ihagarikwa ry’abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA ari agasomborotso n’igikenye c’abari ku butegetsi.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko hari amakuru yo kwizera ko, intonde z’abanywanyi b’umugambwe bategerezwa guhagarikwa bagapfungwa ziriho kandi zamaze gutunganywa.

Aime MAGERA asaba amakungu gufasha kugira abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA barekurwe.


IGIHE

Messages

  • NATW BIRADUSHAVUZA CANE.I KARUSI HO NAKAGA.WAIT AND SEE

  • guharikwa bakoz amakosa nivyo kuk sivyiza kugira imana utamenyeshej uwutwara ako kare mugir muyikoremwo n’abumugambw wa CNDD-FDD uzwi neza kur kubutegets barinda kurusaba haraho bemerwa canke bakankirwa nimwiyomv mbes nimpanuro ndababwiy muntubero yuko batoza barahagarikw

  • Nibarkeiyindimigabwe Ikore,

  • Abo Banamarimwe Ni Bakomere Kk Akabo Bariko Bakuramwo Nakare Ijambo Ry Imana Rivuga Ngo Ingero Tugeramwo Niyo Tuzogererwamwo Kandi Uwicisha Inkota Azicwa Ninkota.Samandari Ati:uraba Wumva Niwe Ubarirwa.Ukoma Urusyo Akoma Ningasiro.Twikebuke Tumenyeko Twe Turi Abavukagihugu Atawo Guhebwa Canke Kuba Inkundwakazi Ngo Igendere Kubandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.