IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Makamba: Ikigo OBR cafashe imatera zifise agaciro karenga imiriyoni (...)

Makamba: Ikigo OBR cafashe imatera zifise agaciro karenga imiriyoni 5

jeudi 7 Nyakanga 2017

Amakuru ava mu kigo OBR amenyesha ko imatera 41 zifise agaciro k’amafaranga 5460000 y’amarundi zafatiwe mu ntara ya Makamba.

Hari haheze ikiringo kidashika n’ukwezi ikigo OBR kiri kumwe n’abajejwe umutekano gifashe ibitenge bifise agaciro karenga gato imiriyoni 5 z’amarundi bivuye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

JPEG - 121.6 ko
Imatera zafashwe n’ikigo OBR

Kuri uwo munsi,umuyobozi w’ikigo OBR Audace NIYONZIMA yamenyesheje ko iyo ibidandazwa nk’ivyo bifashwe banyenevyo barihishwa amakori bakarenzako n’ihadabu,iyo batabigomboye mu kiringo c’ukwezi bikagurishwa icamunara.

Audace NIYONZIMA arongoye ikigo OBR yavuze ko abafashije kubifata bahabwa ibice 10 kw’ijana vy’amafaranga angana n’agaciro kavyo.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Kuki abandandaza babandanya banka kuriha amakori y’ibidandazwa vyabo kandi batagabanya ibiciro ku bakiriya ?Nibamenyere gukora urudandazwa ruciye mumategeko kugira urudandazwa rwabo rugende neza. Atar’uko naho jewe ndabibona nk’umugararizo kuko basanzwe bazi ko bihanwa n’amategeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.