IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ngozi : Ba buramatari b’intara 10 baterereye amatora ya 2020

Ngozi : Ba buramatari b’intara 10 baterereye amatora ya 2020

mercredi 27 décembre 2017

Abaterereye ni buramatari w’intara ya Bubanza, Cibitoke, Gitega, Cankuzo, bururi, Bujumbura Rural, Rumonge, Mwaro, Cankuzo na Makamba.

Abo baburamatari batanze baterereye imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi babicishije mw’ibanki Nkuru y’Igihugu, igisata gikorera mu ntara ya Ngozi.

Buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse NIYONGABO yavuze mw’izina ryabo baburamatari, yavuze ko, vyabonetse ko iyo amakungu aterereye amatora, aba afise ivyinyegeje imyuma.

Buramatari Tharcisse NIYONGABO yasavye abataraterera amatora ya 2020 kubikora, aca yemeza ko na ba buramatari umunani basigaye nabo nyene bagiye kubikora mu minsi ya vuba.

Igikorwa co guterera amatora yo muri 2020 catangujwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka gutanga intererano y’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi, akaba kandimw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.