IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Njangwa Becaud : ’’Umurwi w’amatohoza niwo wokwerekana abogirirwa (...)

Njangwa Becaud : ’’Umurwi w’amatohoza niwo wokwerekana abogirirwa ikigongwe’’

samedi 3 Ruheshi 2017

Mu kiganiro Imvo n’Imvano caciye kw’iradiyo y’abongereza BBC Gilbert Becaud NJANGWA yavuze ko abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bafasha abanyeporitike mu kubereka ingene ubutungane bwokora kuri bose, ingene hoba umwumvikano hagati y’abanyapolitike n’ingene intwaro ibereye yotsimbatara mu gihugu.

Ku bijanye n’ikigongwe cogirirwa abagerageje gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2017, Gilbert Becaud NJANGWA avuga ko ata muntu yagomvye gutembagaza ubutegetsi yogirirwa ikigongwe, ariko ko abapfunzwe bahenzwe n’abanyeporitike bobo bogirirwa ikigongwe.

Gilbert Becaud NJANGWA akamenyesha ko umurwi ukora amatohoza ariwo wotanga umuco ukerekana abagomvye gutembagaza ubutegetsi vy’ukuri, hamwe n’abaguye mu mporero.

Ku banywanyi b’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bahunze igihugu kandi badakurikiranwa n’ubutungane, Gilbert Becaud NJANGWA abasaba gutahuka kugira bafashe abanyeporitike kutama bashira imbere indyane za politike, kandi bafashe igihugu gutera imbere.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nn Komushira Ukuri Nukurekuriranira Abintu Bi 72 Batazi Iyobahambwe Neza Naneza Barya Babashorera Bakiriho Barabaza Berekane Iyo Babarunze Hanyuma Babahambane Iteka Bagandare Hanyuma Baganduke Munyishuye Iki Ko Ubwoko Bwishe Rwagasore Aribwo Bwise Ndadaye Ivyobinywamaraso Vyo Gute?Ingwano Irubu Yakwezwe Nabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.