IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ntahiraja: ’’ Reta ntiyigeze ibuza guhanahana ibidandazwa hagati (...)

Ntahiraja: ’’ Reta ntiyigeze ibuza guhanahana ibidandazwa hagati y’intara’’

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Therence NTAHIRAJA amenyesha Reta y’Uburundi itigeze ifata ingingo yo kubuza guhanahana ibifungurwa hagati y’intara n’amakomine.

Inyuma y’ingingo zafashwe na ba buramatari b’intara zimwe zimwe zo kubuza ko ibidandazwa vya nkenerwa birengana intara barongoye, Therence NTAHIRAJA avuga ko ba buramatari ata burenganzira babifitiye ,kandi Reta itigeze itanga iryo tegeko.

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko iyo ngingo yari yafashwe vy’umwihariko ku ntara ya Kirundo,kuko hari abadanza bamwe bamwe bagura ibiterwa bikiri mu mirima bigatuma hiyongera inzara muri iyo ntara.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko abanyagihugu bashobora guhanahana ibidandazwa mu Burundi bwose,agasaba ariko abanyagihugu kudashora ivyimburwa vyose kw’isoko kugira hagere kwimbura hari ibikiri mu kigega.


IGIHE

Messages

  • Jewe abo bantu barantagaza! Hari ba buramatari b’intara za Makamba, Ruyigi, Gitega, Bubanza n’izindi basigaye bifatira ingingo uko bishakiye mwese murabizi. None ubu naho ubushikiranganji bubajejwe ngo nta burenganzira babifitiye. Mugabo ntibigera babibeshuza canke ngo babahane. Intara zisigaye zimeze nk’amareta yigenga. Murumva iyo tugeze? Yemwe; uwuramvye arabona!

  • iyongingo ninziza pe kuko n’umwami yaratiye urushinge

  • Mugihe urumutegetsi mutoyi kirazira kwigir’impfizi ukibagira ko harabakuruta. Nonaho ntabumaramare nibitetegwe bibaye kuri bamwebamwe?

  • Mugihe urumutegetsi mutoyi kirazira kwigir’impfizi ukibagira ko harabakuruta. Nonaho ntabumaramare nibitetegwe bibaye kuri bamwebamwe?

  • Mugihe urumutegetsi mutoyi kirazira kwigir’impfizi ukibagira ko harabakuruta. Nonaho ntabumaramare nibitetegwe bibaye kuri bamwebamwe?

  • Mugihe urumutegetsi mutoyi kirazira kwigir’impfizi ukibagira ko harabakuruta. Nonaho ntabumaramare nibitetegwe bibaye kuri bamwebamwe?

  • At Nukuri, itonde ababijejwe barabibona nayowewe ivyuvuga nugushusha uruhigigusa, ngohari ababuramatari bigira nkamareta yigenga! Ngwigihugu kigeze kure!
    Nashaka umenyeneza ko barya bariho kubwineza yigihugu ubatandukanye nababandi bashaka gutamukaga igihugu ngoniba Gen Niyomibare, naba Major Buyoya , tutibagiwe Munoho Pasifique yariyatanguje isekeza ryoguturira abantu babona.

  • NONE KO BIVUZWE GUTYO ABO BABURAMATARI NTIBAKWIYE GUHANWA? NI BATAHANWA BIZOBA ARI IBIKINO ABATEGETSI BIGIRIRA AHA NIHO TUGIRA TUBABONERE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.