Accueil > Amakuru > Poritike > Nzobonariba:’’Reta izokwitaba ibiganiro bihuye n’intumbero z’inama ya ONU (...)
 Nzobonariba:’’Reta izokwitaba ibiganiro bihuye n’intumbero z’inama ya ONU y’amahoro n’umutekano’’
 Nzobonariba:’’Reta izokwitaba ibiganiro bihuye n’intumbero z’inama ya ONU y’amahoro n’umutekano’’
				
				mercredi 15 Ruhuhuma 2017
Reta y’Uburundi ibicishije ku muvugizi akaba n’umunyamabanga wayo Filipo NZOBONARIBA imenyesha ko yiteguye kwitaba ibiganiro bitegekanijwe i Arusha ku magenekerezo ya 16 gushika kurya 17 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017.
Filipo NZOBONARIBA amenyesha ko naho bazokwitaba, ica mbere bazoraba ni uko ivyo biganiro bihagarariwe n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa bihuye n’intumbero z’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano.
Kubwa Filipo NZOBONARIBA Reta y’Uburundi irashigikiye ibiganiro bihuza abarundi, ariko ibiganiro bitunganijwe neza kandi bitumiwemwo abadakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.
Umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta Filipo NZOBONARIBA amenyesha ko intumbero y’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano itomoye kuko,ivuga ko abakurikiranwa n’ubutungane batotumirwa mu biganiro.
IGIHE

Messages
15 Ruhuhuma 2017, 08:50, par claude@yahoo. fr
jewe ndashigikiye kwabobantu bagirizwa ivyaha vyogushaka guhirika ubutegetsi kobatoba mubiganiro ahubwo iconosaba reta yatanzanita nuko yoca ibadufatira bagakurikiranwa nubutungane bwuburundi
15 Ruhuhuma 2017, 08:52, par mzoyihera intagoheka
Bazogenda, mbere nimba vyaribishoboka bokwitavye bose atawuvuyemwo, iyo reta nayo uvugira itazwi namakungu yarikwiye gusambuka, atarumuryano yateye mubarundi nabarundikazi imaziki?, ntibagiye imikoshi yinzara mwateye mugihugu, mutarahumanisha isi ivyokurya bimwe, vyaribisigaye vyitwa amazina!. None raba akaga mwadukwegeye, intara zahora zagaburira uburundi bwose, mbere nohanze yigihugu, unomusi ntakintu citwa igifungurwa kikihararwa, bivuye kurimwebwe, nukuri musigaye murinterakigogwe kabisa.
15 Ruhuhuma 2017, 10:29, par KAKUNZE
@claude@yahoo.fr
Mbega ko Presida wa Kenya aherutse gutangaza ko igihugu ciwe kigeramiwe n’amapfa agatako agasaba amakungu imfashanyo nawe vyatewe niki? Ntaco mfise novuga kumajambo yawe ateye isoni.
15 Ruhuhuma 2017, 11:56, par ndikuriyo alexis
Jewe ahubwo nosaba abo babisha nka BUYOYA, NIYOMBARE, RADJABU, ONESIME, LEONIDAS, boca bafatwa vyihuta bagashikanwa imbere y’ubutungane. Ahubwo TANZANIE yoca ibadufatira vyihuta ibiganiro bigaca birangira. merci.