IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta kugabanya amatagisi asabwa abanyagihugu batobato

OLUCOME isaba Reta kugabanya amatagisi asabwa abanyagihugu batobato

vendredi 27 Nzero 2017

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kugabanya amatagisi risaba abanyagihugu batobato,ahubwo iyasabe abifise mu ntumbero yo kurwanya inzara,ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta.

Nkuko biri mw’itangazo ryashikirijwe n’ishirahamwe OLUCOME kuwa gatatu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2015,iryo shirahamwe rimenyesha ko ingorane igihugu caciyemwo kuva mu mwaka wa 2015 zatumye ubutunzi bw’igihugu buhungabana.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu bibangamiwe n’ubukene ,aho abanyagihugu barenga imiliyoni zitatu barembejwe n’inzara,muri abo abarenga umuriyoni bashobora gupfa badafashijwe mu maguru masha.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME rimenyesha ko igihugu c’Uburundi ubu kiri mu bihugu bfise amafaranga make bikoresha kandi bibangamiwe cane.

OLUCOME imenyesha ko indyane za politike ziri mu gihugu zatumye ubutunzi bw’igihugu buhungabana,intwaro itabereye mu bijanye na politike n’ubutunzi vyatumye ubutunzi bw’igihugu busubira inyuma.


IGIHE

Messages

  • None Aho Kutuzanira Ifashanyo Mukadusabira Mumakungu Muguma Muvuga Poritike Nkuko Umenga Muribu Nimba Utari Umunyaporitike Dusabire Ifashanyo Twebwe Abanyagihugu Bato Bato Kuko Naho Bafata Ibhano Uburundi Abategetsi Wibaza Ngo Birabafata Emwe Ivyatsi Nivyo Bihasigara

  • Ewe Rufyiri None Ko Uvuga Letagusa Wewe Nawe Uriko Udufasha Iki ? N ’urye Gusa ! !

  • Iryo Shirahamwe Riravuga Ntirivura

  • Ewe Rufyiri . None Wewe Gishasha Utuzaniye Murikigihe Cinzara Muganiwawe Nikihe ? Kutumarira Gusa Abategetsi Vyo Urabizi ! Uhubwo Ryagusa .

  • Jewe imvugo zanyu sindazitahura’
    Umwanyumwe ngo abanyagihugu batobato ntibabasabe amatagisi aho ukacunengo murabakunda,
    Uyundimwanya ngo amakungu nahagarike gufasha abarundi,
    Uyundimwanya ngwitwaro ntibereye!
    None ivyorimwo uravuga twomenyagute kwatarukurwanya reta?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.