IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba abanyamigambwe guhagarika gutwara abanywanyi mu miduga itwara (...)

OLUCOME isaba abanyamigambwe guhagarika gutwara abanywanyi mu miduga itwara ibidandazwa

mercredi 9 mai 2018

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryakirye nabi , kubona hari imigambwe itwara abanywanyi babo mu miduga yagenwe gutwara amakara canke ibindi bidandazwa, iyo nayo ikaba idategekaniriza abantu mu gihe habaye isanganya.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME, ryibutsa ko, ubwo buryo abariko bagira imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro, bakoresha mu kwunguruza abanywanyi babo, bumaze gutuma haba amasanganya kandi agahitana n’abantu mu Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME, rigasaba Reta n’ubushikiranganji bw’umutekano, kubuza ko abantu basubira kwunguruzwa muri izo modoka zagenewe gutwara ibidandazwa, hisunzwe itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara, rigasaba kandi rigakurikizwa kuri bose atwe ricaguye.

JPEG - 83.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta, risaba abanyagihugu kudasubira kwemera gutwarwa mu modoka zagenewe gutwara ibidandaza, kuko niyo bagize isanganya bari muri izo modoka badashumbushwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.