IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru w’igihugu w’Uburundi yasabwe guhagarika ingurane izotangwa n’ibanki (...)

Umukuru w’igihugu w’Uburundi yasabwe guhagarika ingurane izotangwa n’ibanki Exim Bank

lundi 14 Myandagaro 2017

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ingurane yasabwe mw’ibanki Exim Bank izokora mu bikorwa vyo kuva mu buhinga bwa kera analogique baja mu buhinga bwa none numerique ku mboneshakure n’iradiyo vy’igihugu bisa naho ari ivy’abikorera ivyabo kuko ishirahamwe Star Times rizoba rifisemwo imitahe ishika ku bice 60 kw’ijana.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko iryo deni ry’amafaranga angana n’imiriyoni 32,6 z’amadorare y’abanyamerika riza kwunyura ibintu, mu gihe Reta isanzwe ifitiye amabanki yo mu gihugu ideni ry’amafaranga imiriyaridi 1250 z’amarundi.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ikibabaje muri ivyo vyose ari uko iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu bifisemwo ibice 40 kw’ijana vy’amafaranga azotangwa n’ibanki Exim Bank, bikazotuma abanyagihugu aribo barihishwa amafaranga yo kuriha iryo deni.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko Reta itari gusaba iyo ngurane ku gatwe k’abanyagihugu nk’uko vyabaye, ariko yari gutanga isoko hakaba ihiganwa kugira iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu bigiremwo umutahe munini, hanyuma ishirahamwe Star Times rikisabira ingurane ryo nyene ubwaryo.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Kuri ivyo vyose ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba umukuru w’igihugu kudashira umukono kw’itegeko rijanye n’iyo ngurane, kuko hamwe ryoshirwako umukono ishirahamwe OLUCOME rizokwitura ubutungane bwo mu gihugu ndetse n’ubwo hanze kugira uwo muzigo ntuje ku banyagihugu.

Ishirahamwe OLUCOME rigasaba kandi umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA guhagarika ayandi masezerano yateweko umukono hatagiyemwo umuco kandi hatabaye ihiganwa.

Kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 2017, niho inama nshingamateka yemeza itegeko ry’ingurane y’amafaranga imiriyoni 32,6 z’amadorare y’abanyamerika azohabwa Reta y’Uburundi n’ibanki Exim Bank y’abashinwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wo kuva mu buhinga bwa kera analogique baja mu buhinga bwa none numerique ku mboneshakure n’iradiyo vy’igihugu.

Nkuko biri mu masezerano iyo ngurane izorihwa mu kiringo c’imyaka 20.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.