IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME yemeza ko ubutunzi bw’igihugu bubandanya gusubira inyuma

OLUCOME yemeza ko ubutunzi bw’igihugu bubandanya gusubira inyuma

jeudi 7 Nyakanga 2017

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, Reta y’Uburundi ibandanya kwaka amafaranga abanyagihugu biciye mu kurihishwa amatagisi hamwe n’ intererano mu gihe ubutunzi bw ‘igihugu bubandanya busubira inyuma ku rugero rwo hejuru.

Muri iryo tangazo ,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko kubona hari abantu bafise ico boterera mu matati y’igihugu badashaka kwitaba ibiganiro bihuza bose vyobera hanze y’igihugu kandi ariyo nzira yotorera umuti ingorane, hakiyongerako n’itituka ry’agaciro k’amafaranga biri mu bituma abanyagihugu babandanya kuba mu bukene butagira izina.

Ishirahamwe OLUCOME risaba abanyeporitike b’Abarundi na cane cane Reta kuja mu biganiro bihuza bose hanze y’igihugu mu ntumbero yo gutorera indyane zose zihanze igihugu kugira iterambere rirama rishike mu banyagihugu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.