IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ONU yagarutse ku gusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu 2020

ONU yagarutse ku gusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu 2020

samedi 25 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yamenyesheje ko adashigikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ku cipfuzo ciwe co kwiyamamariza ikiringo ca kane, akavuga ko vyogira ingaruka zikomeye ku mvururu zibandanya kwibonekeza mu Burundi.

Mu cegeranyo ca ONU, Guterres yiyamirije amajambo aheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amaze imyaka 12 ku butegetsi, aho yagaragaje ko afise icipfuzo c’ugusubira kwitoza, abanje guhindura ibwirizwa shingiro.

Ico cegeranyo Guterres yarungikiye akanama gashinzwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yamenyesheje ko mu gihe Petero NKURUNZIZA yosubira kwitoza vyosubiza inyuma inzira y’ukurondera amahoro yatanguye hagati y’impande zitavuga rumwe mu Burundi. Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagarutse kandi ku ngingo Uburundi bwafashe y’ukwanka irungikwa ry’abasirikare mvamakungu boza guhagararira amahoro.

JPEG - 45.8 ko
Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Albert Shingiro aserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yiyamirije ico cegeranyo, avuga ko Jamal Benomar intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, aheruka gusabirwa n’Uburundi ko yosubirizwa, ariwe ari inyuma y’ico cegeranyo.

Albert Shingiro avuga ko yatangajwe n’ukubona Guterres avuga ku gusubira kwitoza kwa NKURUNZIZA mu 2020, mu gihe hari abandi bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika benshi biyamamaje ibiringo vyabo vya kane, gatanu, gatandatu, indwi, ariko ntihagire ikibavugwako.


IGIHE

Messages

  • Nkurunziza yaraburijemwo umugambi mubi wategurwa wo kumara Abantu muri ako karere k’umugabane wa Afrika none mwagira ngo les lobby genocidaires zipfuza kumara Abarundi bamwe bamwe zarahevye? Ni mpaka umugambi wabo mubi ugiye mu ngiro.
    Ntibakunda resistence, ntibakunda uwubatangira iyo bafashe ingingo. Abatari bake , iyo ataba Nkurunziza muba mugeze kure. Mubwirizwa kuguma murikanuye kuko umwasi ari kwirembo kandi ntarota ahesha.

  • NUKURI BIRAHIMBAYE KUBA NKURUNZIZA AZOSUBIRA KWITOZA NAGATEKA KUBURUNDI NDETSE NABARUNDI

  • Mbe iyo mbunuza yibohera kubutegetsi kuberiki!!! Ko yama yinyegeje atakirenga n’imbibe z’igihugu!!! Natwadushimwe yahora agurira udu associations twa fake ntakija kudutora , ubu umubuna aja kwugurura Kiosque i Gisozi hamwe n’utubare!!! Mbega umukungu!!!!

  • NONEK ON IRACANE UBURUNDI BAMUGABE KAGUTA KAGAME KATACO BABAVUGAKO NAKAG

  • ONU ubu irigenga ntigitwarwa.na.obama.

  • oya uyo munyamabanga wa ONU niwe azakwiyamiriza ivyifuzo vyabarundi benshi? oyo abarundi turamwiyamirije kuko abarundi turafise uburenganzira bwogukora ivyotwifuza kanatsinda twarikukiye, nyenicubahiro sebarundi PETERO NKURUNZIZA niyasubira kwitoza tuzomutora kuko abarundi benshi turamukunda cane.....

  • Petero nkurunziza gumakwivora

  • ONU komera, mudufyondere Peter n’akarwi kiwe,fimbo chapa,vive l’ONU

  • NTAMANDA YA KANE NAREKE AMARASO NTABANDANYE GUSESEKA!ICA GATATU CATUMYE ABARUNDI BICWA NINZARA,BABOREZWA IGUFA,BAPFUNGWA ,BANYURUZWA,BICWA,BAHOHOSHWA,...NON NGO ICA KANE?MBEGA NI MUNDIMIRO RERO?

  • Birakomeyey Ivyububurundi Imana Idufashe

  • Ivyo Ntibibaho Mbega Iryobwirizwa Bashaka Guhindura Nirya C N D D Cank Nirya Barundi Bamenyeko Ataribo Barashinze Bonyene Imbere Yukorhinduka Nukuryumvikanako Nabobaryemeranije

  • Peter Nkurunziza niyumve,yikuye k’u Rwanda, nagume hamwe bamufyonde nka Yahya Jammeh, ONU kubita imbunuza zose za DD

  • Abarundi tutikuyeko Peter hakiri kare azotubagira inkona, raba mu Rwanda boss wa Police ya Italie na President wa FIFA niyo bari, mugabo ngaha mu Burundi n’ibiziga gusa

  • Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz Abarundi barya babona!kobishe RMAGASORE, NTARYAMIRA na NDADAYE babahorubusa NURUNZIZAW abananijiki kandiwe yobaziz ikirukuri?

  • Ee Uwomutama Wacu Nibamureke Yongoze Uburund Gushika Yezu Agarutse ,

  • nkurunziza turamushigikiye azovakubutegetsi abukuweko nubusaza nayabamwanka nibaryame baruhuke nkurunziza turamushigikiye azovakubutegetsi abukuweko nubusaza nayabamwanka nibaryame baruhuke aracabatwara

  • Mutama ingaruka zabatwara ibiringo birenze bibiri nikuburundigusa!!!???
    Nashaka kubwira amakungu ko ahoyatereye agaciro niharya abantu bakoze amakosha asa mukuramwo bamwe mukabahasha abandi mukabareka birya mwinonwaka bizokomeza kubatukisha mugihe mugize uwomukuramwo mukareka abandi bakoze ibisa clearly.

  • Peter nindorerezi yamajambere. Uburundi buguma busubira inyuma

  • Nyakubahwa Nasubire Kwitoza Tuzomutora Nagateka Kubarundi.

  • None murimake, nukuvuga kw’atawundi ashoboy gutwara Igihugu ? Narinzi kwataco agitiny ko yavuy muri Sentare y’i Lahaye ubunaho? izo miandat ziragisibije

  • Urukundo nkunda S.E Petero Nkurunziza risumba iyomishatsi mufise kumitwe yanyu.
    Buraca turamwongera tubajoge nkuko mwajoze abarundi bakamarana bahorana amoko bigishijwe nabamwe murimwebwe bwigira ibihangange, imyaka nimyaniko ntimuze kubajahagati ariko muhengereye bamaze kwiyubaka mutanguye kubatara imisi ngwibintu bizokwononekara mumisi!
    Kwaryamagufa yabantu bicwa bakazikwa ikivuga katanahamwe mwigeze muvuga kwibintu bimeze nabi?
    Abovuga kwarimwebwe mwabikora ntiyobayihenze.
    Twebwe twaramaze gutuntura nambamushaka murazogaruka mutwice mutumaririze ndumva muriko muraribwaribwa.

  • ARIKO IYONINDANENDEGUSA,YOMBANABAPFAYE BARAZIMUSIGIYE,INYONDWEYUMIYEKURUHU IPFIRAKO,NAWENAKOMEZE AZOBONICASHAKA

  • MBEGAMURI AFRIQUA YUBUSERUKO.KONUMVA MUBUGANDA KENYA URWANDA .HOSEKONUMVA ATABIRINGOVYOGUTWARA BIHARI?NONE KUBURUNDI BWAGUYEMUKAGA KINTAMBARA NICOGITU BASHIRAHO IBIRINGO?

  • sha kamaro uyuvuga go nisebarundiwahe nyamba ariso wawe wewe nyene ufisubwenge bwahindukiriye mudayawe yuzuyubujuju bwamaraso yabarundi

  • nibamureke yitwarire yagihawe nimana

  • ategerezwa gutwara kk yaraje amahoro araboneka.mbega abo bamwanka baribuka ingene abarundi bicwa kurara munzu warumuziro?ntantwaro zababuyoya tugikeneye.ahubwo amakungu nabandany amufasha azamure uburundi,muga nawene wikebuk kikibazo cibishomeri biri muburi can can mugisata cindero.

  • kuneza yabarundi nyene nibahindure kuko nukwiyorohereza peter ntiyokwitoza mu 2020 kandi abashaka kwitoza bahari.yoba ashakako uburundi bwonekara gonse! kuk ntahovyabayeko uburundi bwiyugarirako ibindi bihugu.tuzora uyundi amarembo yugururwe ikibazo gihanze uburundi gikemuke ingorane tubaze.

  • pierre.Nkurunziza. Nagumekwivora.Azotwaregushika.Gupha.Umusaza.Niyitwarire.Yarakirwaniye.Abobasara.Basare.Niyitwarire.Igihugu.Yagihawenimana.Gumakwivora.Gushika.Gupha.Kwiwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.