IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > ONU yamenyeshejwe ishirwaho ry’umurwi udasanzwe ugenzura icegeranyo ku (...)

ONU yamenyeshejwe ishirwaho ry’umurwi udasanzwe ugenzura icegeranyo ku Burundi

mercredi 13 Nyakanga 2017

Muri iryo kete ryo kuwa 8 Nyakanga 2017, Inama Nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko yisunze ko iserukira abanyagihugu, mu nama yayo yo kuwa 31 Myandagaro 2017 yashizeho umurwi udasanzwe wihweza ibiri mu cegeranyo c’abahinga ba ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Inama Nshingamateka y’Uburundi iramenyesha kandi ibikorwa vy’umurwi udasanzwe washizweho navyo bikaba ari ivyo kwiga ko ibiri mu cegeranyo ari ukuri, kuraba ko inzego z’ubutungane zikora neza, kuraba urugero Reta y’Uburundi ikorana n’amashirahamwe mpuzamakungu araba ivy’agateka ka zina muntu, no kuraba urugero Reta ikoranako n’abahinga mpuzamakungu mu bijanye n’agateka ka zina muntu n’ibindi.

Muri iryo kete, Inama Nshingamateka y’Uburundi ivuga ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rifise ububasha bwo gukomeza intwaro ishingiye ku mategeko, kurwanya ukudahana ivyaha.

Inama Nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko abanyagihugu baciye kubo batoye bashobora gutohoza no kugenzura, gushikiriza icokorwa hamwe no kwerekana no guhana abakora ivyaha mu gihugu.

Mwomenya ko uwo murwi udasanzwe washizweho n’Inama Nshingamateka ugizwe n’abashingamateka 12, bava mu mirwi itandukanye iserukiwe mu nama Nshingamateka.

Uwo murwi ufise ikiringo c’amezi atatu, ugashobora kwongerwa mu gihe wobisaba inama nshingamateka, imbere y’uko ikiringo cawo gihera. Icegeranyo c’ivyo uwo murwi uzoba washitseko kizoshikirizwa inama nshingamateka isanzwe ari nayo yashizeho uwo murwi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Hhahahah Inama Nshingamateka y’u Burundi uziko mwotwenza n’uwuvuye guhamba nyina kabisa,ngo mwandikiye ONU?ntamuntu numwe ayobewe ko muri mu kwaha kwa Peter kandi ivyovyose ni ubwoba bwa CPI,mugume hamwe sha,fimbo chapa

  • Jewe abobagabo biyita ngo nabashingamateka baratwenza nukuri, iyoninkina micoyabo bariko barikinira.
    mbega ivyo batohoza nibiki?
    kodusazwe tuziyuko murabo bashingamateka beshi basazwe bakorana nimbonerakure hamwe nacagi police catayumurongo, nonabobazotohoza ibiki, kwingandazatikijwe nabonyene!.
    Aboshingamateka nibo birirwa baracokora abajejwe agateka kamuntu, noguhamagarira abantu mumabarabara ngo biyamirize ONU, nonivyo birashoboka kwaribo bitohoza bonyene!
    kandi ibiriko biraba ,canke ivyabaye basazwe babifisemwo uruhara?
    Icomaze kubona iyumuntu amaze gusesa amaraso keshi mumutwe amera nkuwacanganikiwe, mara atora kirya nakiriya kugira rwarabe koharico yohanoba.
    Ndabarahiye ukuri kwiyumwijuru abontavyo bazozana bifise icovyomarira abarundi, kuko ntawutohoza ivyazi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.