IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubudandaji > Operation FAGIA OPSON III: Ibidandazwa vya magendu vy’igiciro kingana (...)

Operation FAGIA OPSON III: Ibidandazwa vya magendu vy’igiciro kingana 147.000 y’amadorari vyarafashwe

Friday 29 December 2017, by Jean De Dieu

Nkukwo vyashikirijwe n’umugenduzi mukuru w’igipolisi c’Uburundi, André NDAYAMBAJE,intumbero y’ico gikogwa kigamije kurondera ibifungurwa,ibinyobwa,n’imiti, vya magendu, hamwe n’ibidandazwa vyataye agaciro.

JPEG - 64.9 kb
André NDAYAMBAJE, umugenduzi mukuru w’igipolisi c’Uburundi

Muvyafashwe, harimwo amaritiro 24.816,5 y’ibinyobwa bitandukanye, nk’umudiringi,kanyanga, igiti, umunanasi, n’ibindi.

Amacupa 12 .084 y’ibinyobwa bidakwije amategeko bigizwe n’imitobe ya Pespsi, amacupa ya Seven Up, ya Milinda, n’ibindi

Imiti y’ubwoko butandukanye igizwe n’ibinini 9.127, udupaki 3.073, ama prakete 175, amafrako 83, Amacupa 533, Ama amoule 3 , amatube 03, n’iyindi miti myinshi y’ubwoko butandukanye igera ku matoni 45 yarafashwe.

Hambavu y’ibifungugwa, ibinyobwa n’imiti, harafashwe n’ibikoreshwa mu bugizi bwa nabi, nk’inkoho 1 yo mu bwoko bwa Kalachnikov yafashwe,ibisasu ntezwamaboko 4 , amasasu 170 , ibiro 18,5 vy’urumogi, insenga 8 zo kuroba zitemewe n’amategeko, ibitenge 54 vya magendu, amahinguriro 15 ya Kanyanga arasamburwa.

Igiporisi kigasaba abantu basuma imfungugwa n’ibinyobwa hamwe n’abafata imiti kuza bararaba ko bitataye igihe imbere yo kubigura no kuvyihereza.


Pacifique BUKURU

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.