IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yerekanye ibituma Uburundi butinjira neza muri EAC

PARCEM yerekanye ibituma Uburundi butinjira neza muri EAC

jeudi 6 Mukakaro 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe PARCEM , nta kintu kiboneka cerekana akarusho igihugu c’Uburundi kimaze kuronka kuva cinjiye mw’Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kubwa PARCEM,Uburundi nico gihugu conyene kiri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko kiri ku rugero ruto mu bijanye n’inyubakwa nk’amabarabara n’ibindi, ni naco gihugu kandi igitigiri c’abadafise akazi kibandanya kuba kinini, aho kugabanuka.

Ishirahamwe PARCEM rimenyesha kandi ko mu bijanye n’intwaro,Uburundi na Sudani y’Ubumanuko arivyo bihugu vy’akarere bifatwa nk’ibishobora kwadukamwo indyane umwanya uwariwo wose.

PARCEM rimenyesha ko intambamyi ituma Uburundi butinjira neza mw’Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ari uko igisata c’abikorera ivyabo kidashigikiwe ku rugero rushimishije.

JPEG - 46.9 ko
Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM

Ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko igisata c’abikorera ivyabo gihura n’ibibazo bishingiye ahanini ku giturire, kubura inyubako n’umuyagankuba,amakori y’umurengera, ibibazo vyo kuronka ingurane n’abashira imitahe muri ico gisata.

Mu kurangiza ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo risaba Reta y’Uburundi kwerekana ugushaka mu gukuraho intambamyi zibuza iterambere mu gushorera hanze ibidandazwa vy’Uburundi, hamwe no gushiramwo inguvu mu kugerageza gutorera inyishu ibibazo vya poilitike biri mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.