IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yashize ahabona umwihwezo yakoze kubijanye n’iterambere (...)

PARCEM yashize ahabona umwihwezo yakoze kubijanye n’iterambere ry’amakomine

Friday 3 August 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru kuruno wa gatanu,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko bimwe mu vyankenerwa biriho mu gushira mu ngiro umugambi wo kwegereza abanyagihugu ubutegetsi na cane cane mw’iterambere ari igitabo ngenderwako cerekana poritike y’igihugu ijanye no kwegereza ubutegetsi abanyagihugu,itegeko ryerekana uko abajejwe intwaro muri komine bakora hamwe n’ikigega c’igihugu kijejwe gushigikira amakomine cashizweho.

Faustin NDIKUMANA avuga ko naho ibikenewe biriho ibituma uyo mugambi udatera imbere ari ingorane izijanye no kutitwararika ibikorwa vy’iterambere,kudakorera hamwe,kudatunganya imigambi no kuyikwirikirana ,ibura ry’abakozi n’ibikoresho mu ma komine,kwigiza inyuma umunyagihugu mw’itunganywa n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi hamwe no kutubahiriza agateka ka zina muntu.

Uyo arongoye PARCEM avuga ko kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bituma intwaro rusangi isasagara bidasize inyuma iterambere ry’umunyagihugu ariko ivyo bishikwako mu gihe abanyagihugu bashizwe mw’itunganywa ryavyo mu kubigisha guhindura ingendo ndetse hakabaho ugushaka ku bajejwe intwaro mu gutunganiriza abanyagihugu iyo babituye.

Faustin NDIKUMANA aheraheza asaba ko imigambi ijanye n’iterambere ry’amakomine yotunganywa hama kakaba akaryo ku banyagihugu kubona ico babwirizwa gukora kugira biteze imbere bimwe bishimishije.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.