IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > Parcem isaba ko ivy’agateka ka zina muntu vyitwararikwa mu gihugu

Parcem isaba ko ivy’agateka ka zina muntu vyitwararikwa mu gihugu

Friday 29 June 2018, by vianney

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA,mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 29 Ruheshi 2018 yamenyesheje ko bandikiye ubushikiranganji butanu bwegwa n’ibijanye n’agateka ka zina muntu kuko ivyo gutosekaza agateka ka zina muntu bicibonekeza mu gihugu.

Faustin NDIKUMANA avuga ko muvyo batereye ubwo bushikiranganji kugira bubifatireko mu ntumbero yo guteza imbere ivy’agateka ka zina muntu ari ukwigisha buri muntu ku rwego rwiwe ibijanye n’ivyo afitiye uburenganzira n’ivyo adafitiye uburenganzira hamwe no kurwanya ukudahana.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.